Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Tambwe Hamisi ashobora guhabwa ikirato c’inzahabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Tambwe Hamisi ashobora guhabwa ikirato c’inzahabu

Umukinyi Tambwe Hamisi ashobora guhabwa ikirato c’inzahabu

mardi 22 Ndamukiza 2014

Nk’uko yavuye mu murwi wa Vital’o abikora, Tambwe Hamisi akina mu gihugu ca Tanzaniya ariko avyifatamwo neza aho ashobora no gutwara ikirato c’inzahabu kuko nta n’umwe muri ico gihugu, eka nta n’uwumwabababa mu bitsindo vyinshi.

Tambwe Hamisi asigaye akina mu murwi wa Simba FC wo muri Tanzaniya atagihindutse azotwara ikirato c’inzahabu kuko niwe wa mbere mw’ihiganwa ry’imirwi yo mu cicaro ca mbere. Tambwe Hamisi yahoze ari umusatirizi mu murwi wa Vital’o, amaze kwinjiza ibitsindo 20 mu gihe uwumukurikira afise ibitsindo 14. Ivyo bitsindo bishobora kurenga kuko amahiganwa ntarahera.

Mwomenya ko ikirato c’inzahabu gishobora kuzohabwa Tambwe Amissi ari kimwe mu bushimwe bw’icubahiro bwashizeho n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA)


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.