Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Valery Nahayo asubiye gukina mu murwi wo muri Afrika (...)
Umukinyi Valery Nahayo asubiye gukina mu murwi wo muri Afrika y’Epfo
vendredi 19 Nyakanga 2014
Umukinyi Valery Nahayo yarangije amaserano yarafitaniye n’umurwi La Gantoise wo mu Bubirigi, ahisemwo gusubira mu murwi wo mu cicaro ca mbere muri Afrika y’Epfo. Ubaye umurwi wa gatatu wo muri ico gihugu Valery akinyemwo.
Valery Nahayo batazira Twite amaze kubona adahabwa ikibanza mu bakinyi cumi n’umwe ba mbere na Hein Vanhaezebrouck, umumenyereza mushasha, yasavye ko amasezerano yiwe yohagarara. Inyuma yo kuyahagarika, Valery Nahayo yasubiye mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu murwi Mpumalanga Black Aces uri mu cicaro ca mbere.
Nahayo Valery w’imyaka 30, ati:" Ni jewe ubwanje nasavye ko amaserano yoharara, kuko sinanezerejwe n’uko ibintu bimeze muri urya murwi".
Mwomenya ko Valery Nahayo yaheruka gusubiza ikimenyetso ca kizigenza w’umurwi nserukira gihugu w’Uburundi. Ikindi, asubiye ubugira gatatu mu murwi w’igihugu c’Afrika y’Epfo kuko umwaka w’i 2004 ushira uw’i 2008 yakina muri Jomo Cosmos, mu mwaka w’i 2008 ushira uw’i 2011 naho yari muri Kaizer Chiefs.
Cherif Nkeshimana