Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gael Bigirimana wa NewCastle ashobora guhagarika gukina - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Gael Bigirimana wa NewCastle ashobora guhagarika gukina

Gael Bigirimana wa NewCastle ashobora guhagarika gukina

mardi 31 Ntwarante 2015

Umukinyi Gael Bigirimana ntazi igihe azosubirira gukina inyuma yo gutorwa indwara itaramenyekana. Ivyo bimenyekanye inyuma yo gutizwa mu murwi wa Rangers avuye muri NewCastle. Ishavu riraniga hagati y’imirwi ya New castle na Rangers.

Kuva kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2015, Gael Birigirimana w’imyaka 21 yavuye mu murwi wa New Castle atizwa muri Rangers urongowe na Andrew Stuart Murray McCall. Ico gihe Gael yatijijwe ari kumwe n’abandi bakinyi nka Haris Vuckic, Remie Streete na Shane Ferguson, ku ciyumviro ca Derek Llambiasa yahoze arongoye umurwi wa Rangers.

Bivugwa ko abo bakinyi batanzwe muri Rangers batabanje kugirishwa ibipimo vya muganga. Stuart McCall, arongoye Rangers avuga ko ababajwe na Gael Birigimana kuko batari kwemera kwakira umukinyi atagiriwe ibipimo vyo kwa muganga. Kuva ashitse muri Rangers, Gael Bigirimana ntarakina urukino na rumwe kuko yatowe indwara itaramenyekana. Gael agira ati : "Nanje sinzi aho nzosubirira gukina urukino rw’umupira w’amaguru, noba mbeshe. Ariko si muri kino gihe (But it won’t be this season). Ndiko ndavugwa neza, kandi ndashima uko nakiriwe kuva nshika ngaha".

JPEG - 41.8 ko
Bigirimana, Haris Vuckic na Remie Streete

Gael arongera ati : " Naje ngaha kubera nashaka gufasha umurwi wa Rangers, ariko ibiba vyarabaye. Nimba ntashobora gukinira Rangers ku mpamvu z’indwara, ndizera ko umunsi umwe nzogaruka mu kibuga, ndizera kandi ko umunsi umwe nzokina nk’uwatijwe canke burundu".

Umuvugizi wa Rangers avuga ko umumenyereza yamaze kwemeza ko Gael Bigirimana afise ingorane zo kwa muganga ariko kubera ibanga rw’umurwi ata vyinshi bashobora kuvuga kuri iki kibazo.

Ikindi coba kibabaza Andrew Stuart Murray McCall, n’uko abakinyi bose yatijijwe na NewCastle bagiye bahura n’ingorane : Remie Streete yakomeretse mu rukino rwa mbere, Shane Ferguson yahagaritswe gukina gushika ikiringo yatijwe gihere, Melingo Kevin Mbabu yakinishijwe mu bakinyi bakiri bato. Mu bakinyi 4 NewCastle yatanze muri Rangers, Haris Vučkić niwe wenyene yagumye akinishwa.

Mwomenya ko Gael Birigirimana, ari umurundi yavukiye mu gisagara ca Bujumbura. Yinjiye mu murwi wa NewCastle United kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2012, bagirana amasezerano y’imyaka 5 n’uwo murwi. Yakinye muri NewCastle avuye muri Coventry mu mwaka w’2011.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.