Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umukobwa wa mbere muremure kw’isi afise imetero 2,06
Umukobwa wa mbere muremure kw’isi afise imetero 2,06
vendredi 4 Nzero 2013
Igihugu ca Bresil kirazwi kw’isi yose bivuye ku bikorwa bikorerwayo.Ico gihugu kirazwi cane mu rukino rw’umupira w’amaguru kuko abakinyi bavayo bakunda gukora ibitangaza. Ubu naho habonetseyo umukobwa wa mbere muremure kw’isi yose.
Uwo mukobwa yitwa Elisany da Cruz Silva ava mu gihugu ca Bresil akaba ariwe yatanzwe nk’umukobwa wa mbere muremure kw’isi yose. Ku myaka 17 y’amavuka n’imetero 2,06 z’uburebure akaba nawe nyene akunzwe nk’abandi bigeme bose.
Bivuye ku nkabuzo zituma umuntu aba muremure zitakoze uko zategerezwa gukora,uwo mwigeme yabaye uwa mbere muremure kw’isi yose.Igihe yari afise imyaka 11 ,Elisany yakura gusumba abandi bose bo mu muryango iwabo. Ku myaka 15,uwo mukobwa yaragiye mu bitaro kugira bamubage bongere bahagarike ukwo yariko arakura ariko ntaco vyashitseko kuko yagabanutse isantimetero imwe gusa kandi aguma abandanya gukura.
Kuko rero yaguma avurwa kw’ishuri yaciye ahitamwo guhagarika amashuri ivyo mbere akaba yabifashijwemwo n’umuhungu w’umugenzi wiwe Francinaldo da Silva Carvalho w’imyaka 22,akaba yamukunze atibajije n’ibibazo vyo kumenya uko azokwishura abagenzi biwe bamubajije uburyo akoresha mu kumurwa munda mu gihe wewe ari mugufi.Francinaldo akaba yavuze ko igihe cose ushitsemwo uca umenya ingene wifata.
Elisany wewe avuga ko uburebure bwiwe ataho buhuriye n’urukundo ngo kuko iyaba biri ukwo aba yarondeye umuhungu afise uburebure nkubwo afise.Rero ngo yakunze Francinaldo afatiye kuco ari,ku myifato yiwe imbere y’abandi n’imbere ya Elisany.Ariko ngo ikintu gikunda kumugora ni igihe baba bariko baratembera bafatanye amaboko.
Grâce Irimbere
Messages
4 Ntwarante 2016, 21:25, par Blaizzo single-mwami
Urukundo ntiruraba ubwoko intara rura imyifato nukuntu nyene gukundwa yitwararika uwo bakundana
23 Ntwarante 2016, 23:23, par chery dieudonne pirlet
Ariko Jewe Mfisuburebure kumuruta kandi mfiingeso nziza kuruta uyo muhungu none nshaka uyomukobwabigende gute?
22 Rusama 2016, 14:01, par nzobarind
kabisa.uwomukobwa.icomumpa?
23 Rusama 2016, 15:18, par Ntirandekura J.Marie
Jewe Sinokunda Umukobwa Areha Uko?
8 Ruheshi 2016, 08:18, par MAPOZE
Wa Muhunguwe Urikwegera Umuntu Areha Nkuko? Haaaa!
8 Ruheshi 2016, 08:18, par MAPOZE
Wa Muhunguwe Urikwegera Umuntu Areha Nkuko? Haaaa!
8 Ruheshi 2016, 23:10, par NIBIMPA CRAVER
EWE UWO MUHUNGU NTIMUNGANA NAGATOYA MUGWANYE YOKURYA AMENYO YO MUMUNTWE
15 Nyakanga 2016, 16:22, par Nsengiyumva Vital
jewe sinokunda umukwobwa areha nkuko
20 Nyakanga 2016, 23:32, par Thérence
Ikibazo Mfise No Apfuye Ho Gute? Bazoronk Isandugu Rimukwiye? Cank Uwo Muhungu Azoronka Uburiri Bireha Nuyo Mukobwa?
13 Nzero 2017, 09:52, par Amani Jastine
Jewe Nanje Ndamukunze Gose Ni Uko Ntoshobora Gushikayo Ngo Ndamwirongorere Ok
30 Ntwarante 2017, 11:08, par X Nom
Ni Poa Mugbo Wararhuts
30 Ntwarante 2017, 11:11, par X Nom
Ni Poa Mugbo Wararhuts
6 Ruheshi 2017, 12:54, par Innocent Ntwari
Kuba Ari Muremure Singorane, Ingorane Nuko Yoba Atavyara,canke Akunde Umusore, Kuba Yokundana Akajga Yubaka Urugogwe, Nivyiza Kandi Akubaha Umukunze,we.Umusore Ga Kumukunda Ntacaha Yagakozega. Nangje Ga Nomukundaga,
16 Mukakaro 2017, 12:13, par Vtl
amoureux
3 Ntwarante 2018, 20:28, par NORBERT.BURUND,RUNYINYA,
IKIBAZONFIS.NN,UWOMUHUNGUYUBATSE.INZU.INGANANTE,MUMURYANGO,CANK.UBURIRI,ARARAKO,BUNGANANTE???NIJEWE,NOROBERI