Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umukobwa wa Whitney Houston yatowe yasomye nturi mu bwogero
Umukobwa wa Whitney Houston yatowe yasomye nturi mu bwogero
lundi 2 Ruhuhuma 2015
Umukobwa wa Whitney Houston, Bobbi Kristina Brown yatowe n’umugabo wiwe mu bwogero yasomye nturi. Umugabo wiwe yaciye atabaza abaganga ningoga mu gihe yari indembe.
Haheze imyaka itatu, umuririmvyikazi Whitney Houston atowe mu bwogero bwiwe yasomye nturi, ubu ni umukobwa wiwe yatowe muri ubwo buryo imbere yuko atwarwa ningoga kwa muganga kubera atariko arahema. Ubu ni indembe mu bitaro vyitwa North Fulton. Amatohoza ariko arakorwa kugira bamenye icatumye haba iryo sanganya.
Bobbi Kristina Brown afise imyaka 21 y’amavuko, asanzwe yubatse urwiwe n’umugabo uwo muririmvyikazi yareze, Nick Gordon, ari nawe yamutoye adakoma mu bwogero bwiwe.
Umuryango wa Bobbi Kristina urabeshuza ko uwo mukobwa ata biyayura mutwe canke inzoga yafata vyoba vyatumye agira iryo sanganya nk’uko vyashikiye nyina wiwe mu gihe yarasanzwe yafashe ibiyayura mutwe (cocaine) vyinshi. Abantu benshi bakibaza ko uwo mwana yagomba kwigana nyina wiwe. Abakora amatohoza ntacemezo bafise cerekana ko Bobbi yafashe ibiyayura mutwe, canke ko yoba yanyoye inzoga nyinshi.
Mwomenya ko Bobbi Kristina Brown atigeze yakira neza urupfu rw’umuvyeyi wiwe n’ubwo haheze imyaka 3 apfuye. Uwo mukobwa yarabaye no mu bihe afata ibiyayura mutwe mugabo ararwana intambara ikomeye kugira abihebe, kubera yabonye ivyashikiye nyina wiwe nk’uko yavyivugira.
Lorene Nubwabo
Messages
3 Ruhuhuma 2015, 16:45, par NAHISHAKIYE
none nyina wa Bobbi Kristina Brown urupfu rwiwe rwavuye kuri nyabwogero nyene yarafise iwiwe canke yahitanywe nurundi rupfu munyuma yiryo sanganya yagize ryo mubwogero.