Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko igihugu kizorwanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko igihugu kizorwanya (...)

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko igihugu kizorwanya abasirikare ba UA

mercredi 30 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bahurikiye mu rwego MAPROBU baje mu Burundi,igihugu kizofata ko catewe kandi abanyagihugu bazohamagarirwa kubivuna.

Igihe yariko arashikiriza ikiganiro ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2015,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yavuze ko ibwirizwa nshingiro ritomoye,mu kwerekana igihe abasirikare mpuzamakungu barekurirwa kwinjira mu gihugu.

Umukuru w’igihugu yavuze abasirikare mva makungu binjira mu gihugu mu bihe bitatu ivyo navyo akaba ari igihe igihugu conyene kibisavye,igihe mu gihugu ata Reta ihari canke mu gihe hari impande zishamiranye.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko mu Burundi ata numwe arasaba ko abo basirikare baza kandi ko Reta ihari yitorewe n’abanyagihugu,hakongerako ata mpande zishamiranye mu gihugu.

Inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi atatu y’umutekano umuvugizi w’igisirikare col Gaspard Bratuza yavuze ko abateye 79 bapfuye hamwe n’abapolisi n’abasirikare 8,haciye iminsi mike inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ica ishikiriza umugambi wo kurungika abasirikare 5000 mu Burundi.

Uwo mugambi wariyamirijwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka,eka mbere mu ntara zose zigize igihugu haratunganywa ingendo zo kwiyamiriza abo basirikare mva makungu.


IGIHE

Messages

  • Uraca Utubarira Mutama Tubakorereko.

  • bazebihende bazekunguvu bazondusanga........

  • MUTAMA KOMERA KWIVORA NATWE NIBAZA KUNGUMVU TUZOBIRARAMWO BOSE TUBANIGAGURE NTABO DUKENEYE.

  • Nkurunziza nareke guhamagarira abanyagihugu kwivanga mu ndyane n’ingwano za politique z’umugambwe wiwe Cndd-Fdd kuko abarundi bose atari abagumyabanga canke abakenyererarugamba. Yasavye abarundi kwitabira amatora et ils l’ont fait. Ubu rero hageze amatati n’abo badasangiye ivyiyumviro vya politique, niyimenye n’umugambwe wiwe wamutanze comme candidat d’un 3e mandat louche. Nareke guta abanyagihugu mu manga kuko urwo rugamba si urwabo vyukuri !...

  • Komera Mutama Turagushigikiye Izontunva Nazo Tuzozereka Ko Rutitaha Kandi Ko Inkonitaruzwa

  • Yamara nivyo muvuga ngo tuzobivuna mumenye ko intambara ntawe yereye ikindi nkeka ko tutarusha abandi igisirikare gikomeye, rero barundi muce bugufi kuko nta ntambara ikomeye turagwana, ntimuvuge Al shabab kuko iriya ni milice yoroshe cyane.

  • urakoze mutama Nkurunziza nkuko wamye udusaba kwivuna umwansi mu kwica umwe umwe ubu icyo gikorwa tukaba tukigeze kure dusororamo umw’umwe nanubu ivyo udusvye vyo kuzicya inteko mvamakungu niziza tuzobikora

  • urakoze mutama Nkurunziza nkuko wamye udusaba kwivuna umwansi mu kwica umwe umwe ubu icyo gikorwa tukaba tukigeze kure dusororamo umw’umwe nanubu ivyo udusvye vyo kuzicya inteko mvamakungu niziza tuzobikora

  • Nibaza tuzobarwanya twivuye inyuma. Irambire mutama turagushigikiye.

  • Jewe mbonako ivyo leta ivuga vyumvikana.maybe there are same certain persons who are behind this coming of foreigner solders from outside coming in burundi to overtake that country.send them in Nigeria to meet whit boko haram.

  • Mbe aho muduhamagarira kugwana!Mwebwe vyarabananiye kumvikana nabo mutavuga rumwe.!None muzohava murwana n-amakungu muyashobore? Ewe Cndd urihanga pe! Mwibajije ngo ni babanyagihugu mugandagura,atacamira? Mwitonde!

  • erega bagiye ikivunga abagez kuri yorodan hambuts intwar gusa intwar sizind niz zisigay mugihugu buyoy ashak kuzan ivyaker yonger guhekure amakungu nageragez arab ingen intama zambara

  • batereye amagara hejuru aburiwese asamagwiwe abobiyamirije umuzowabasirikare mvamakungu nibobabo bankibiganiro mbekomwanka gutakazivyicaro mwaremewe kugendera kubandi nimworohe mubangurukanywe abenegihugu nitwetuhambariribara izonteko zirakenewe nimureke zize guhagarika ubwicanyi bwogupimwamazuru nibirenge muguma mukokeza ahokubuhagarika

  • ntakeza mbona mwiryo jambo ahubwo twitgur tub turahunga,

  • wamugabowe reka gushuk’abenegihugu jewe ahomperrye ivyo mbona ndabona gusa uritegure turabe ariko urabanza ukuremwo abana nabagore kuko nibobagoye kimwe gusa ntahutaniye na aberushaza wicare usome bibiria daniel 5;27,28

  • ahaa.ntibeze.turabasha.badukure.umwasi.kwizosi.ngo.nipita.arateye.amagorwa

  • abarundi muransensa cyane nigute mugiye guhangana nibihugubyosebya africa kuko byose bifitemo ingabo cg bazane rdf cyangwa rpf ize ibakukumbe mbagiriye inama yo gupfukama mukemera.

  • MWEBWEMURIHENDA,AHUBWO,MWOKUMVIKANANABOMUTAVUGARUMWE.MANAWEWEWAREMYEISINIJURU,NIBIYIRIKOVYOSETATURABABANTUBAPFAGUTWAR’IGIHUGU.

  • mbega wibajij uburundi ngo nigato baraz bitonz kuko natwebw akaras turakaz nahic turahaz baratuz

  • nivyo nivyukuri ntabo dukeney bekeney kuza kudushiramwo ayadi macakubiri nayababirigi badushizemwo atazopfahez! igihugu kirapanz neza cane!

  • nivyo nivyukuri ntabo dukeney bekeney kuza kudushiramwo ayadi macakubiri nayababirigi badushizemwo atazopfahez! igihugu kirapanz neza cane!

  • ico novuga nuko atota atora ngo nta mishamirano ihari,nareke guhenda abanyagihugu hamwe na makungu.Mbega ko banka ibiganiro kandi bazi nabo mukwinjira mugihugu ko vyaciye mu biganiro ni kuki?banke ni nteko mva makungu aho rero ni bambuze hose,reka kwica inzehe kuko ni Rahe harabarindiriye cause et la consequance

  • Mbe abobasoda mvamakungu boba baje gukor’iki mu burundi? igihu cuburundi kirimwo abajejwe umutekano:aba police n’abasirikare,non baniwe? ko province 17 zitekanye intara imwe ya bujumbura niyo yotuma haza abasoda mva makungu? abarundi nibabe bavugisha ukuri bareke guhenda amakungu.

  • tuzobagwanyaabobavugakontitwobashoborabamenyeko umugaboatinyingwentatinyaiyamwinjiranye

  • NIBABAJANE NIGERIA CENTRAFRIQUE AFGANISTAN SOMALIA NAHANDI MU BURUNDI NTA NTAMBARA TURIMWO URETSE INGORANE TWATEWE NA PACIFIQUE NA VITAL

  • Les Burundais ne doivent rien attendre de la communauté internationale et l’union africaine car nul par au monde ou elles ont ramené la paix. Par exemple les gens sont entrain d’être massacrés a Beni et Miliki en RDC, malgré la présence de plus de 20000 casques bleus de la MONUSCO. Les Burundais doivent se mettre autour d’une table et chercher solution a leur problème que d’attendre celle ci des Nations Unies ou l’union Africaine.
    Twebwe abakongomani turabazi, ntaco bazobamarira, uretse kwirirwa bazunguruka mumamodoka, basabanya, abakenyezi, nabapfasoni babarundi, banakoresha amafaranga yikirenga yagombye gufasha abaturage bari mukarengane. Mana fasha abarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.