Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu arabandanya kwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa (...)
Umukuru w’igihugu arabandanya kwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi
lundi 21 Nzero 2013
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarifatanije n’abanyagihugu bo muri komine ya Bwiza yo mu gisagara ca Bujumbura mu bikorwa vy’iterambere rusangi vyo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 19 Nzero 2013.
Mu bikorwa vy’iterambere rusangi vyo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 19 Nzero 2013,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yifatanije n’abanyagihugu bo muri komine ya Bwiza yo mu gisagara ca Bujumbura.
Ivyo bikorwa rero bikaba vyari bishimikiye ku kwagura ishure ritoya rya JabeII.Aho rero bakaba bakoze ibikorwa vyo kwubakaamashure mashasha atandatu azokoreshwa mu gushira mu ngiro umugambi w’ishuri nshingiro,ecole fondamentale mu rurimi rw’igifaransa.
Twobamenyesha ko muri ivyo bikorwa vy’iterambere rusangi vyo kuri uno wa gatandatu, umukuru w’igihugu yari kumwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura.
Mugisha Van Naris