Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu asaba ba buramatari kwereka akarorero keza abo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu asaba ba buramatari kwereka akarorero keza abo (...)

Umukuru w’igihugu asaba ba buramatari kwereka akarorero keza abo barongoye

vendredi 18 Gitugutu 2013

Mu mubonano na baburamatari bose barongoye intara z’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabasavye ko bokora ibishoboka vyose kugira barwize umwimbu mu ntara baherereyemwo, ndetse nabo nyene bekereka uburorero bwiza abo bashinzwe mu gisata c’uburimyi n’ubworozi.

Uyo mu bonano wabereye mu ntara ya Ngozi, muri komine ya Mwumba, abarongoye intara zose z’Uburundi bakaba bamenyesheje ko irima ry’agatasi ryatanguye neza, mu gihe bavuga ko imvura yarwiriye igihe, ndetse ikaba yaguye mu kwezi kwa Nyakanga. Umwavu abanyagihugu bakeneye abanyagihugu nawo nyene , ba buramatari bavuga ko wabonetse naho hari bamwe batashoboye gukwiza.

Ku bwa nyakubahwa Nkurunziza umukuru w’igihugu, asaba ba buramatari ko bokwereka akarorero keza abo barongoye, mu kurima n’ukworora kijambere. Baburamatari rero bakaba basabwa n’umukuru w’igihugu ko bohamagarira abanyagihugu barongoye kwijukira amashirahamwe, kugira umwimbu urwire. Umukuru w’igihugu akaba asaba ba buramatari ko boja mu bakingira ibidukikije, bakanahimiriza abo barongoye kubikingira.

Tukaba twobamenyesha ko inyuma y’iyo nama haciye haba ibirori vy’ukwigina umunsi wahariwe gufungura neza, ivyo birori vyabereye ku kibuga c’umupira co ku Muremera kuri uyu wa kane igenekerezo rya 17 Gitugutu uyu mwaka, aho udukino twinshi twerekanywe imbere y’umukuru w’igihugu, n’abandi banyacubahiro udukino twigisha ukwo abanyagihugu bofungura neza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.