Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu asaba ko mu ndwi imwe abishe Col Bikomagu boba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu asaba ko mu ndwi imwe abishe Col Bikomagu boba (...)

Umukuru w’igihugu asaba ko mu ndwi imwe abishe Col Bikomagu boba bamenyekanye

dimanche 16 Myandagaro 2015

Ibiro vy’umukuru w’igihugu biratera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye Colonel Jean Bikomagu,bigasaba umuryango wiwe kwigumya no kwigumya muri ibi bihe vy’umubabaro.

Mw’itangazo ryasomwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Gervais Abayeho,umukuru w’igihugu yahojeje umuryango wa Colonel Jean bikomagu,n’igisirikare yakoreye igihe kitari gito kandi atiziganya.

Muri iryo tangazo,umukuru w’igihugu asaba abarundi kwama bunze urunani,akiyamiriza kandi ingendo y’amacakubiri akiranga abarundi bamwe bamwe.
Umukuru w’igihugu asaba umuryango,incuti n’abagenzi kwigumya nkuko abo mu muryango wa Lt Gen Adolphe Nshimirimana babikoze inyuma y’urupfu rwiwe rw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015.

Umukuru w’igihugu asaba inzego z’ubutungane gukora zitiiganya kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane mu maguru masha,gutyo bajanwe imbere y’ubutungane.Umukuru w’igihugu yatanze ikiringo c’indwi imwe kugira abishe Colonel Jean Bikomagu babe bamenyekanye.

Mwomenya ko colonel Jean Bikomagu yarashwe ku mutaga wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 15 Myandagaro 2015 imbere y’urugo rwiwe muri quartier ya Kabondo avuye gusenga.


IGIHE

Messages

  • Indwi imwe Petero atanze ngo abishe Bikomagu babe babonetse ni nini gose, ko abazi nabafate mu minsi ibiri, naho kuturagira nk’impene oya ntibivamwo, ikinamico bakina iroroshe gutahura kweli.

  • Hoba nuyo yaravuye gusenga doloph we yarasenze

  • Nta nkeka ko Nkurunziza agwaye mu mutwe. Arasasika inganda agaca asimbira ku maradio ngo mu ndwi imwe abishe ka naka babe bamenyenekanye. Ndetse ko ahonyanga ubwigenge bw’inzego, kuko nta mategeko afise aha ubutungane, abwirizwa gufatwa akajanwa kwa muganga imbere y’uko igihugu kiba umunyota.

  • Nivyiza cane Nyenicubahiro Guhumuriza Twebwe Abarundi.Kandi Turabashimira Kukungene Mubona Neza Ico Abo Babisha barondera kutujanamwo mukwifuza kudusubi za mukahitiye.Nyenicubahiro,jewe Kubona Mwebwe Ubwanyu Mutiba Gira Iyotwavuye Arintsinzi Ihambaye Kubarundi Bumutima Benshi.Imana Ibaturindire.

  • Sha Bikomagu ntaruta umukuru y’igihugu yapfuye nubu akaba atamatohoza araba ariko uwicishije inkota azokwicishwa inkota kweli na bikomagu arapfa biratangaje

  • Sha Bikomagu ntaruta umukuru y’igihugu yapfuye nubu akaba atamatohoza araba ariko uwicishije inkota azokwicishwa inkota kweli na bikomagu arapfa biratangaje

  • ubu uwanyuarafuyemuciye mukoma inturu kuko arumututsi aboyisheba ganagute hasigaye nabanti bose nu gufa babuyoya bose ukobagana tu rabanzi imyakayabo iriko iragera ni bagye ivyanyuma abobicanyi hagen zekobanza kubazwa ivyobakonze

  • ndabona abarundimukundagapfa pe!

  • @haguruke
    ako ni akanyaro ko amatohoza yasavye ko akorwa,mbe ubundi ho iyo atabisaba wari kumugira iki,ni we abazi canke mwebwe nyene abatutsi mwamwiyiciye,nimuje kubifatira muri iyo minsi ibiri ko wumva,les abruptis.

  • Egonivyukuri turashima ko imvugo ijana n’ingiro..ndi imuyinga butihinda.

  • kwica umutama bikomagu ntaco bivuze ico yakoze twebwe turakizi yatwara nkurunziza nibimaramare Kubona yagwanye imwaka cumi akamwankira nukwafata agacimbiri kamwe gusa niwe yaraye amwishe rero nkurunziza birerekana neza ko bitebe bitebuke abarundi twaramuhinyuye kanatsinda yokwica dolpho akareka bicosi natahe mutama yatuyoboye neza kurugamba ikosa ryabaye nibuyoya ivyovyose niwe yabiteye abobicanyi twarikubaheza mwishamba kurya baribagiye baduhekuye

  • Ntakundi Imisi Yarikwiye

  • NGAHO NONE ABABIKORA BASHAKA GUSHIKA KUKI? KO INGERO Y’ICAHA ARI URUPHU.

  • ubu ahiwacu muburundi hasigayehari abihevyi ubu ntibatinya kwica umuntu ubu umuntu arushwa agaciro nigitungwa! jewe ndibaza amaherezo yavyose azoba ayahe? murazi igituma ubwicanyi butazigera buhera.ntabutungane buhari ubu uwishe umuntu ageze mubutungane yambikwa izera ariko uwivye igitoke agacirigwa uwoguherayo!kubworero ntitwitege nakimwe mwubu burundi citerambere! ahubwo uwuzi ubwenge yosenga kugira arabeko yoronka imbere heza!

  • Ehe Twubahirize Agateka Zinamuntu Wewe Wica Gezahonyene

  • Hariho Abanezerwa Ngo Naka Apfuye Ni Umuhutu Canke Umututse Mbere Hagaca Haba Ukwihorana Ohoo Oya Hewe Reka Uguhora Ni Ukw.Umukama Gusa

  • MANA.TABARA.UBURUNDI.INDWI.IMWE!KWABAZI.NABAVUGE.ARIKO.BATEGETSI.MWIBUKE.KO.GAHINYUZA.KUMUSURE.NISUNZU.AHO.MUMENYE.KO.RURIYE.ABANDI.RUTABIBAGIYE.BIKORE.BIZOBAKORA.AMARASO.ARAHUMA.KWICANA.SINYISHU.OYA.OYA.OYA.OYA.GEZAHO.

  • Nagendekwamuganga Ndake Aragwaye Nkurunziza

  • ntago turindira indwi yose uwishe arazwi ni wewe uvyukora vyose uzohinyuka ntago uzotura nkisi ahubwo harico uzobona uzoba ivu isi yose izotangara ntago imana icecetse naba nabo bazohambwa mucubahiro wewe uzoribwa nibisiga kuko nico wakoreye wirirwa ubesha abarundi ngo urasenga imana irakubonamugodet2

  • MBE WEWE AZOFATWA NKANDE?ABARUNDI UTUBWIYE IKI KO. ADORPH ARIWE WIHAGURUKIYE?

  • mbe uburundi buzovamwo ubwicanyi ryar? uwishe uwund naw nukumwica mbe ubutegetsi bwurundi bucunga iki? ko tubona abantu basigaye bapfa nkinka kandi barenganywa mucungiki? kanura magabo

  • uwishe wese nawe bazomwica nasangeyo abandi yishe mugabo ntituzohezanya ibigaba nibivemwo hasigare abatakoze amaraso

  • uwishe wese nawe bazomwica nasangeyo abandi yishe mugabo ntituzohezanya ibigaba nibivemwo hasigare abatakoze amaraso

  • wewe wiyita mukobozi
    Ngo yagwanye imyaka icumi ,naho yari kuba ijana yariko aragwana,kandi bikogamagu yaturira amazu,akica abagore n’abana yari ingwano yoroshe cane nanje kugwana n’umugore akuriwe kandi aboshe nobishobora,mbega burya tu es sur de ce que tu dis?Nta n’agacimbiri,burya iyo abatutsi bamwe bamwe mudatangura kuza murakotisa mu ba fdd ngo mubone ingene mugenda mu gihugu burya ntimwari gusanga muri coincé i bujumbura,ahubwo aho kuvuma buyoya,mumushimire kuko iyo twari kubatera za mbali mbali indwi yose niho mwari kwumva,ahubwo yagiriye nabi twebwe ,iyo arindira tukabarungika mu gatumba mugasangayo abarovyi ,imyaka cumi,tu parles hari ama peuples agwana des siècles,ce qui compte c’est la determination,rero nawe ntuje aho ngo wishime hari aho nawe iryo shamba worijamwo kandi nturivemwo,ndaguye ndagarutse,ntimugeza kurijamwo abatutsi mushaka gukoresha abo kwa gwasa,ariko peu importe turabarindiriye,nimba ataco bivuze kwica bikomagu naho arimwebwe abatutsi mwamwiyiciye,ayo mampobogo muvuza ni ayiki,si twe tuzobica muzomarana nko muri somalia ata gihugu bagifise ubu batunzwe no kubuza abandi kubaho,niko abatutsi mwaremwe,bandanya mwice n’abandi,hera kuri buyoya yabahemukiye,jewe ndazi ko bizikora ata effort dukoze.

  • Uwugira kane agandaguwe, Nkurunziza azoce atanga imihoho sans plus !!!

  • Nibaza Ko agiye mû bwami bwimana kuko ivyiza yakoze ni vyishi yadukuyeko abahutu beshi ntakundi turahomvye umu "sans échec " mwiza

  • jembere ndababaye ahoyotubwiy ngotwihe por tunezerw tunwivyeri kumwasi yatuvuy kwizos rwamatohoza wapi narik ndamuc kumazi nciyenunv mbabaye gusa ndashimir abarash nkuwish bikomagu nakomere niwe ahubwo nyakubahw iyubwira abomuri buraseri bagadusesamw ivyeri tukivinjarira hasigaye?DAMASENI KAYANZA KUMUKORO

  • ayo macakubiri siwe nyene umukozi wabarundi yataguye kubivuga gwa mashirahomwe go nayabatutsi ubuho arikuvyiyamiriza kubera ivyo yashatse ko yabirangije umuda wiwe usubire kuvyiba sha bitebe bitebuke ibivyose birikuba ko biri kugatwe kumukozi wabarundi

  • Wow,ndumva mu Burundi habonetse procedure magique pour traquer rapidement et facilement les criminels!!!

  • Ahubwo nsanze mwese mwandika mutasomwe le contenu."...umuryango,incuti n’abagenzi kwigumya nk’uko abo umuryango wa L G Adolphe NSHIMIRIMANA babikoze ...."Tahure neza ko Peter ya tangaje ko bahoye urupfu rwa dolofo kugira ntihababare abahutu gusa nabatutsi nabo.Ariko turazi ko peter ariwe yamwishe.Ndi umuhutu ndazi ko atamuntu yabatumye kuduhorera.Mugabo harageze utubise abanyagihugu dushinge transition."Politicien très fort mais inconsiderable au burundi"

  • Sindi Umuhutu sindumututsi sindi Umutwa ndi umururundi Wiyemera muga URUPFU RWA BIKOMAGU NI IBISANZWE KURIJE NGERERANIJE NIRYA MBURAKIMAZI RUDOLUFE YAGUMA ATIKIZA ABAHUTU NKAWE MUGA NIMIBURIBURI BIKOMAGU WEWE YICAGA ABAHUU KANDI NDAZI KO CNDD UBU YACITSE UMUTWE KUBERA RUDOLUFE HASIGAYE AKARIZO ARIKO PETER NAKO AHO BUKERA KARAKUBITWA ROCKET HAMA UBU AMATOHOZA ASIGAYE AMASA INDWIMWE GUSA HAHAHA PETER AGUMA YICABANTU HARIMWO NUWAMUKINGIYE COUP D’ETAT NKA RUDOLUFE NA BUNYONI NA PRIME PETER NYARUTSA UBICE NTUZEWE HAMA NAWE UZOCE WICWA KUKO NTIWOKWICA RUDOLUFE NGO NAWE UGENDE UTISHWE BASI.

  • we wiyita fidelité, wabonetse nk’umuhinga wa mbere mw’ihonyabwoko, tanga plan iruta ba sokuru bawe uhonye abatutsi. Uzi ko uzogwara mumutwe canke umutima uvyikwegeye! Akananiye umugabo kananira n’uwundi n’abakwitanze imbere barananiwe. Ogopa basi mungu. aho wosanga uhora uja gusenga!

  • Abahutu mu Burundi mwitegurire kuba abantu de seconde zone nk’abo mu gihugu c’Urwanda muri iki gihe. Mbahaye ikiringo kitarenga imyaka 10. Nkurunziza wanyu niwe azobashikanayo ata nkeka. Ukibarirwa ni icumva nayo icerekwa ni ikibona.

  • Ndavye ivyo benshi bavuga womengo nibobiremye. Mbega Umuremyi agaba akaganza vyose abona vyose mumuha ikihe kibanza? Hamagara iyo MANA yikorere. Kandi izobikora n’amahanga azibibona. None ni nde muri twese yoba afise inyishu? IMANA yonyene niyo nyishu!

  • Ubwucanyi buriko burab’ubu Peter abariwe azobibazwa kubera 3eme mandat yihaye kukudahanurwa nabivemwe ah’amahoro abarundi

  • None uwonkurunzizawe azogezaryariguhoza imiryangoyababuze we sumuntu umuntuhakumufashayapfuyentiwomushikako akiriho

  • Au Nom de Tous les Burundais Je Voudrais tout d’abord assurer Abarundi Mwese ndabamenyesha yuko twebwe abiyamiriza 3ème mandat anticonstitutionel tutazogenda twemereye peter nibipfu vyiwe yuko hagira ubwoko canke umurwi w’abarundi azogenda akoreye ihonyabwoko nkiryabaye mu Rwanda namwebwe benewacu ba Bahutu mufise ubwoba yuko hamwe yoyikora yozokwagirizwa Abahutu twese ni mureme ivyo ntibikunda kuko ni leta yiwe izovyishura kuko murazi yukwafisemwo nabatutsi nka ba Edourd nduwimana na ba concilia kimwe gusa muzokwirinda nugufata Imipanga ngo mutemagure Benewacu Babatutsi hama d’ici dans qlp jrs nimureme mandat ziwe 2 zizobaziheze hama duce tumufata ari muzima canke ari ikiziza Vivre ou La Mort malheur àCeux qui bÃ¥illonnent Les Burundais Vive la Coalition Des Forces De Democratie, Vive Nyangoma Vive Niyombare Vive Sinduhije Vive Manasse Nzobongmpa Viue Marie kadege.

  • Uwushaka kwihanga peter we arikurenkukwezi mbere ntazi icari mbere yavugamake twese turamukunda kandi natwe turubashe muvyubahiro vyacu. imana ahubwo imwongerereze. amen

  • ITANGAZO:TWEBWE ABARUNDI DUKWIYE KUBAHA IMANA NIVYAYO;KIRAZIRA KWICA.KIRAZIRA KWIBA.KIRAZIRA GUHAMAGARIRA ABANDI KWANKA ABANDI NOKWANKANA.TWIBAZE:KUKI?KUBERIKI?NKORIBI?NOKORIKI?IVYONKORA BIRANEZEREJE?IVYONKORA BIBABAZABNDI?NDUWAMAHORORO?CANKE NDABANGAMIYE ABANDI? UBUGOROROTSI BUVA MUMUTIMA.

  • Abo bantu biyita ba fidelite n abandi bameze nkabo nibo bishe kino ginhugu c uburundi bitewe . ivyiyumviro bibi bafise n imbuto mbi bariko barabiba ni babandanye ngirango nImana irihangana igateba ikarakara. Muriko muraraga abana banyu umuvumo nk umwe wa gahini

  • ivya nkuru turabimenyeye! jewe ntavyo nizeye! none ko imvugo yama ari yayindi kandi ntihagre igihinduka! nagende hama intahe yiganze muburundi! kuko twararushe n’ukubona Ibiziga Vya Misi YOSE #stop_nkurunziza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.