IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu asaba urwaruka kudapfisha umwanya wabo ubusa

Umukuru w’igihugu asaba urwaruka kudapfisha umwanya wabo ubusa

lundi 8 Mukakaro 2013

Mu kigo bita Centre Suedois kiri muri komine ya Kinindo iri mu gisagara ca Bujumbura, niho umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yugururiye ibikorwa vy’ihuriro ry’urwaruka vyateguwe n’ishirahamwe ryitwa : « Coalition des Jeunes en Action » ku civugo kigira giti :« Akamaro k’urwaruka mu kibano » kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 8 Mukakaro.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ivyo bikorwa, umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yavuze ko urwaruka rufise uruhara runini mw’iterambere ry’igihugu. Yabandanije agira ati:« Mwebwe urwaruka, ni mwe mugize umushinge w’iterambere ryo kw’isi yose.» Yahanuye urwo rwaruka ko rutota umwanya ko ahubwo ko rwokwitwararika ibikorwa vy’iterambere ku neza ya kazoza kabo kuko umwanya utakaye utigera ugaruka.

Abandanya atanga akarorero k’Uburundi aho kuva umwaka w’2007, abanyagihugu muri rusangi harimwo n’urwaruka, bubatse amashure arenga 2800. Ati ivyo ni ivyo gukengurukwa kuko vyubatswe mu myaka itandatu gusa, mu gihe kuva mu mwaka w’1962 gushika mu mwaka w’2007 ni ukuvuga imyaka 45 Uburundi bwari bufise amashure mato mato n’ayisumbuye 1900. Muri iyo nama izomara iminsi itatu, urwaruka rwitavye iyo nama ruzovugana ku kamaro k’urwaruka mw’iterambere. Eka ndetse muri iyo nama n’ibindi bibazo bizohigirwa na cane cane nk’urwaruka ruhunga ivyaro ruja mu gisagara, ibura ry’akazi, ubukene, ikiza ruhonyanganda SIDA, ibiyayuramutwe, n’ibindi.

Urwo rwaruka rero rukazoshobora kuhatorera inyishu ruzoshikiriza ama Leta yabo.
Iyo nama rero ikaba yitabwe n’urwaruka rutari ruke rwaje ruserukira ibihugu nk’Uburundi, Afrika y’Epfo, Ouganda, Zambiya na Leta zunzubumwe za Amerika.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.