IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu c’u Burundi yarafashije imbohe

Umukuru w’igihugu c’u Burundi yarafashije imbohe

mardi 23 Ndamukiza 2013

Itoni imwe y’umuceri,itoni imwe n’igice y’inanasi n’imipira ibiri y’amaguru, nivyo vyatanzwe kuri uyu w’Imana urangiye,igenekerzo rya 21 Ndamukiza 2013,n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.Ivyo bikaba vyatanzwe ku mbohe zo mw’ibihero rikuru rya Mpimba, mu ntumbero yo kubipfuriza pasika nziza.

Umuhanuzi ajejwe ibibazo vy’imibano n’imicokama mu biro vy’umukuru w’igihugu Nestor Gasaba ,yamenyesheje ko umukuru w’igihugu yashatse kugaragaza umutima w’urukundo,w’ubumwe n’ivyizero ku bantu bari mu ngorane muri ino minsi ikurikira pasika.

Nestor Gasaba yarongeye avuga ko igihugu gikeneye abakigarukira kandi ko n’abari mw’ibohero ,ari abantu bafise ico baterera mu kwubaka igihugu.

Kubw’uwuserukira abafungwa mw’ibohero rikuru rya mpimba,ngo abafungwa barashimira bimwe bivuye ku mutima, ikigongwe n’urukundo umukuru w’igihugu c’u Burundi agaragaza kuri bo.Aho bakavuga “ikingogwe yatanze’ kubafungwa catumye harekurwa abarenga 1200.

Uwo aserukira imbohe mw’ibohero rikuru rya Mpimba,yaramenyeshe ko abimbohe zimwe zitashoboye kurekurwa n’ubwo zari m’urutonde rw’abarekurwa, kubw’ivyo bakibazwa n’ubutungane.Hakaba harindiriwe ingingo izofatwa kuri abo bagirizwa kugira bashobore kurekurwa.

Si mw’ibohero rikuru rya Mpimba gusa ,umukuru yatanze itegeko ryo kurekura abafungwa bamwe,no mw’ibohero ryo ku murwa mukuru wa Gitega hamwe no mu Rutana (m’ubumanuko bushira ubuseruko bw’iyo ntara), eka no kuri bantaho nikora bo muri ako gace,umukuru w’igihugu yaragize ico akora.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.