IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu c’Uburundi yemeza ko amatora azogenda neza

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yemeza ko amatora azogenda neza

mardi 27 Rusama 2014

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yakiriye mu biro iwe umunyamabanga mukuru ishirahamwe mpuzamakungu Action Aid, akaba kandi anarirongoye ku rwego rwa Afrika no kw’isi yose.

Adriano Campolina umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Action Aid, kuri uno wa kabiri wa 27 Rusama 2014, yakiriwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana, ubutumwa nyamukuru Adriano Campolina yarazaniye Petero Nkurunziza, akaba kwari kwerekana ko bagiye kwongereza inguvu n’uburyo, ku buryo burwiza na kabiri ibikorwa bahora bakora ngaha mu Burundi.

Ishirahamwe mpuzamakungu Action Aid rikaba risanzwe rifasha Uburundi mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, indero, no gutsimbataza amahoro n’umutekano bishikana ku mwumvikano. Adriano Campolina akaba yamenyesheje ku ruhande rwiwe, ko biyemeje kubandanya rikokorana n’Uburundi, na cane cane mu gushira imbere imigenderanire bafitaniye na Reta y’Uburundi. Ahagiye haracamwo utubazo naho bakazohatorera inyishu vuba. Petero Nkurunziza akaba yabasavye ishirahamwe Action Aid ko ivyo yiyemeje gukora ku Burundi, bitoba mu majambo gusa, ariko bije no mu ngiro. Yongeye arasaba kandi gukorera mu Burundi bwose, na rirya ryari risanzwe rikorera gusa mu ntara ya Ruyigi, Karusi, Rutana na Ngozi.

Inyuma yaho, umukuru w’igihugu c’Uburundi yahaye umubonano Paul Seger, umukuru w’umugambi wishinze gutsimbataza amahoro kw’isi, akaba n’umuvugizi w’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU., mu vyari bimuzanye, yaraje kuraba ukungene umutekano muri rusangi wifashwe mu Burundi, na rirya yarasanzwe agira ingendo mu kerere, uko amezi atandatu aheze kuraba uko vyifashe. Paul Seger yarazanye ubutumwa bwo gutera intege, no gusaba umukuru w’igihugu c’Uburundi kwongereza ishaka afise mu kwerekana ibimenyetso bihumuriza, mu gutanga amajambo ahumuriza, kugira abantu bose bagire icizere kinini, kw’amatora yimirije yo mwaka w’ 2015.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yiyemereye ko amatora yimirije yo mu mwaka w’2 015 azoba mu mutekano ntangere. Paul Seger akamenyesha nawe ko azobandanya avugira Uburundi mu makungu, kugira babandanye babushigikira.

Paul Seger

Mariella Bukuru

Messages

  • Nagayegaye neza kagame yamaze gushikana abasoda 800 ngaho ibuja kandi bari mumihana yabantu nuwuzomusubirra azayaraze kuboneka narabanabi bazomukorra nkuko yagize havyarimana namwe nimwirabire kuwi www.ikaze-iwacu.com

  • NAriko yakubahwa mukuru wigihuhu ntitwumva ingene kagame Arikoaravuga ko atera uburundi nawe ugasamara uwo uzi kwari umunyarwanda asubire iwabo mumaguru masha kuko abazobaha ivyo barya baraho abazobaha aho baryama baraho none kuriko urasamara umuntu akubwiye ngo sinkugomba nawe mwereke kutamugomba amazi akubwiye ngo ntu nwe nawe nuyabwire uti ntanyota fise

  • Mukuri ntimusamare kubiri kuvugwa kugihugu cacu turagikunda ahukocoba ingaruzwamuheto nobinfi bihugu bibanyi muraba maso kandi muvyitwararike cane kuko ibintu ntibimeze neza kandi nugukora umusako usanga abononyi baraho baraba utwo mwigira .

  • Ahaha!!Imana itujimbere twese abarundii iturinde no gusubira mu ntambara nahoo amatora turazi ko azogenda neza ingorane ihari n’uko bacemwoo nk’iyo muri 2010 itosubira kandi natwe twararikanuye ubu shaaa!!!

  • Namakiko munigira cmnt zanje?
    Bantumu cungera umutekano wigihugu ntimwiyumvirekovyoroshe inyenzi zarabinjiranye abashika 800 baraho ibujumbura kandi bamwe ngobari gukoresha passport abandi barigukoresha indangamuntu zaho biteguye kugaba ibitero kumakambi yabasirikare nokurasa umukuru wigihu kandi kumupaka wuburundi na tanzaniya harungicwe ngabasirikare karuhariwe biteguriye intambara
    ntimwi yibagize kwatabucutibwabo mwibuke ukuntu barase indege yahavyarimana kandi ikaraswa nabantu barindani mugihu ndazi kwabahutu munyaruka kwibagira mushira inda imbere kandi nahanura umukuruwigihugu kurondera uwundi amusubirira habe amatora nihohoba amatorameza igihugu kirangwemwo intwaro yizew nabose naw amayaruhuke nubwo gutwara biryoha

  • Nikubihi Mana kuko umutekano bataravye neza urashobora guhungabanya umwanya uwariwe wese ntimuvyine ivyamatora uwomugabo ninkina mico yamagira twaramuvumbuye

  • Bemuraba amakuru agezweho ngaha www.ikaze-iwacu.com
    acanje arko tukirabira ayajanye numutekano wigihugu cacu kugira ntimuze mwibuke kuyora mwasheshe

  • Babura kwiruka kuri benewabo.tuzowotera hamwe ntaco ariko igipfa caburiwe n,impongo

  • Baantu mutanga ivyiyumvire ndabasavye mube mutanga kuvyerekeye ninkuru banditse nkabo bandika ivya kagame baabikuyehe koko ubijuju ni vyishi

  • Ivyavugango amatora azoba meza turabazi,muri2010 baratwivy baca batako baratwigamba baca batako baririmba ngo bacemo,reka turindire turabe arik ntiyibagireko niyo yatsindwa ubutungane buzoguma bukora,yaciriye RAdjabu nawe nuwo guherayo

  • Nkawe nguri obama nyomba arisowwe muzowunwera hamw
    ahorro ugombutu jijishe?ugombutubwire kimibanire ya kagame na peter tutayizi?ibirikubera kumupaka wurwanda na nuburundi urabizi?yo ceceka ntimwibagire ayomwadukorre aba presida mumaze kwirenza sibake ahubwo ni urikijuju

  • komera mutama niwakire abobashitsi abakuvuga nabinabo nirwo rurimi rwabo nakare barayamaze bati igiti kira kurira mu babaji

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.