Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umukuru w’igihugu c’Uburundi i Nantes
Umukuru w’igihugu c’Uburundi i Nantes
vendredi 15 Ntwarante 2013
Imbere yo kurangiza urugendo rwiwe mu gihugu c’ Ubufaransa, umukuru w’igihugu c’u Burundi nyenicubahiro Petero Nkurunziza arikumwe n’umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza, kumusi wa gatatu w’igenekerezo rya 13 Ntwarante mu karere kitwa Pays de la Loire. Aho, yakiriwe n’igishika cinshi n’umurwi munini wari urongowe n’umukuru w’ako karere, Jacques Auxiette.
Abo bategetsi babiri, baravuganye ibijanye n’ugufashanya hagati y’ibihugu vyabo, na cane cane muri iyi myaka itanu, iheze Pays de la Loire ifasha u Burundi. Mu gihe ikiringo c’amasezerano yo gufashanya kigiye kurangira, baravuganye ukuntu cokwongerwa.
Amasezerano yo gufashanya hagati y’ako karere n’u Burundi, yaheruka gusubirwamwo kuwa 7 Ndamukiza 2011, aho yari yongeweko imyaka ibiri. Nk’uko bimenyeshwa n’ubuserukizi bwa Pays de la Loire hano mu Burundi, bukaba bihari kuva mu mwaka w’2008, imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ni ngirakamaro ku bihugu vyompi. Ako karere karafasha igihugu c’u Burundi mu bisata bitandukanye, nk’inkino, inkino z’abamugaye, uburimyi, ibidukikije, guteza imbere urwaruka no kwegereza ubutegetsi abanyagihugu.
Umukuru w’igihugu c’u Burundi yarashimiye mugenzi we Jacques Auxiette, ku kuntu akarere arongoye kadahengeshanya gushigikira u Burundi. Yaribukije ko, ari kubw’imfashanyo ya Pays de la Loire abanonotsi b’abarundi nka Arthemon Hatungimana, bashoboye kuronka ibibanza vyiza mu nkino Olympic z’abamugaye zabereye i Londre muri Myandagaro kw’umwaka uheze.
Inyuma y’uwo mubonano, Perezida Nkurunziza hamwe n’abo bari bagendanye, baciye baja i Nantes baherekejwe na Jacques Auxiette, aho bari bagiye mu kigo c’inkino c’ i Joneliere. Bamaze kwakirwa n’uwurongoye umurwi w’umupira w’amaguru FC Nantes Franck Kita, bararonse akaryo ko kuraba imyimenyerezo y’abakinyi b’ibihangange bakinira uwo murwi.
Jean Michel Ndayikengurutse