Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu c’Urwanda ariyamiriza uruhara rw’igihugu ciwe mu ndyane ziri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Umukuru w’igihugu c’Urwanda ariyamiriza uruhara rw’igihugu ciwe mu ndyane ziri (...)

Umukuru w’igihugu c’Urwanda ariyamiriza uruhara rw’igihugu ciwe mu ndyane ziri mu Burundi

mercredi 23 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame amenyesha ko igihugu ciwe ata ruhara gifise mu mutekano muke uri mu Burundi kuko ata nyungu igihugu c’Urwanda rwobikuramwo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,umukuru w’igihugu c’Urwanda yavuze ko ata bubasha afise bwo kwemeza ko ubwicanyi bubera mu Burundi vyofatwa nk’ihonyabwoko.

Ku bijanye n’amakuru avugwa ko igihugu c’Urwanda gitanga imyimenyerezo ya gisirikare ku barundi b’impunzi bari mu rwanda,umukuru w’igihugu c’Urwanda yavuze ko ivyo ari ivyagiriji vyinyegeje inyuma y’inyungu za politike.

Muri ico kiganiro,umukuru w’igihugu c’Urwanda ntiyerekanye aho ahagaze nimba zosubira kwitoza inyuma y’imwaka w’2017.Yavuze ko agifise imyaka 2 yemerewe kandi ko yumva atekanye.

Umukuru w’igihugu c’Urwanda yamenyesheje kandi ko abarundi ubwabo aribo bategerezwa gutorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu gihugu,ko ata wundi muntu azotorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

Umukuru w’igihugu Paul kagame yavuze kandi ko Urwanda rutiteguye kurungika abasirikare mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • We are proud of our president KAGAME

  • None ko avuga ko urwanda ataruhara rufise mumutekano muke uri muburundi, Abanyarwanda bafashwe n’ibirwanisho kubutaka bw’uburundi, batumwe nande?Ubu uwobica kagame ntaco yovuga. Canke abafashwe baje gutera, biyemerera ko bigiye igisirikare murwanda, yobabeshuza gute?Ikindi, Kubera iki yanse ko haba amatohoza murwanda kuvyagiriji vy’uburundi kubatera uburundi. Jew n’ibaza ko ivyemezo vyuko urwanda arirwo ruri kwisonga mukudurumbany uburundi ari vyinshi.Rapports zivyerekana ni nyinshi harimwo izamashirahamwe mpuzamakungu mutayobewe. Ivyiza rero ni uko urwanda rwogeza aho kuko na Kagamé ntazi neza ibiri imbere.Yokwitaho ahubwo kugira imigenderanire myiza n’ibihugu bibanyi aho kubidurumbanya.

  • none niyombare ntari murwanda ? ahitwa kabuga .

  • Hhhh abarundi murasekeje mwebwe munanirwa kwikemurira ibibazo ngo u Rwanda. Muzoseba

  • Ntanarimwe Kagame Yigera Yemera Amabi Akorera Ibihugu Bituranye,mwibuke Ko Muri Congo Yarahira Akarengwa Ko Ata Ngabo Ziwe Ziriyo Mugabo Ukuri Kwarigaragaza,no Mu Burundi Azuguma Ahakana Mugabo Ukuri Kuragaragara

  • Kagame avyikureko areke twaramaze kumutahura ntiyibaze ngo abarundi nabana bazomudya atanokeje ari mubisi arindire gusa

  • wowe wiyita rohelo urabe udashinga ngo urabyina none uzomurisha icyo udafise? uzaze twebwe imipaka irafunguye kabisa u Rwanda ruzokwama rwitwa u Rwanda twanse agasuzuguro wangu.

  • wowe wiyita rohelo urabe udashinga ngo urabyina none uzomurisha icyo udafise? uzaze twebwe imipaka irafunguye kabisa u Rwanda ruzokwama rwitwa u Rwanda twanse agasuzuguro wangu.

  • Abanyepolitike b u Burundi bifushe ko Kagame yobashigikira ntibabironka none birirwa bamwagiriza. Yarakenguje asanga ata mugambi mwiza bafise. Ahubwo twebwe abanyafurika turasaba mwa banyepokitike mureke kumena amaraso. Ni iki bibatwaye kuba mwakora ibiganiro nabo mutavuga rumwe? Nimureke kumva ibyo Abanyaburaya babwira canke Abo bashinwa. Barajwe inshinga n ubutunzi bwanyu (Nickel). Nimumara kwica abaturage no kwimaraho imbaraga bazobica (nkuko bakoze Mobutu) ubundi babutware.

  • Ni barek guta ikuvyo kubakuru b’ibihugu batekanij ivyabo,non nivyo urubuz inkware ruvumbukana igihuna?

  • Haaaaa,muratwenza kabisa Nyenicubahiro paul Kagame avuga ukuri ntaruhare naruto abifisemwo ku mutekano muke urangwa mu BURUNDI .Uwufise uruhare kumutekano muke urangwa mu burundi ni NKURUNZIZA Petero yabunze kubutegetsi.mureke kubeshera URWANDA.

  • Uyumuntu yiyita kabizi aratwenza. Mbega zirya nkina mico aba DD bakiny ngwemama batey cibitok ,kayanza , hama ukumva ngo hafashwe ijana ninkoho zabo hahaha ew uwaramvy arabona. Nabanyamerika ntaho birashika ngo bafat abarwanyi bashika 100 ninkoho zabo nkeswe ivyo bijuju vyinkandagira bitabo vya Piter. Hama ahasigay ngo Urwanda!!! Murapfa mwipfane kuko iyo igiti cumy kigira kirwe gishaka guhitana kibisi. Mbega le 11 hafashw bangah? Umunsi Kagame yokwinjira n’imbwa n’akayabu vyomenya ko yinjiye uburundi . Ba murasama iyabahutu bahimvye bama bahimba nabi turabizi. Urabaza aba congomani nibo bazi izina Kagame namw mwabikeha bwenge vyaba DD mube murinywera amaraso yinzirakarengane.

  • nimwitonde manda yanyu ntiragera kzndi gutwara sivyabose

  • ariko abarundi muri abarwayi.Ese kwirirwa musebya urwanda mwibaza ko haricyo bimaze?niba ibyo muvuga ari ukuri mwateye intambwe nimwe nabo bacancuro banyu b’interahamwe zanyu ahasigaye tukabereka isomo.
    mwirirwa mwica abantu mwarangiza mukigira nyoni nyinshi.Dushatse gutera uburundi nawe uvuga ayo mafuti ntiwaba ukiri aho.Mugabanye ubuswa rero

  • Yewe Burundi warakubititse utwarwa n ijinywamaraso byabayobera ngo urwanda .Sha urwanda rurinzwe n abagabo nyabagabo temba mwijane mwabicanyi mwe muve kurwanda rûtazobahumira

  • U Rwanda mwirirwa muvuga iyo ruba ruri ngaho, muba mwarabibonye muri mwese ntanuwuba akivugira kuri radio!!

  • wewe chwe njejwe na mike muraza ndabigishe amateka y uburubdi histoire mumenye neza kuva muri 65 inkotanyi zihungira iwacu abanyarwanda mwamy mwivanga muvyacu mb waruzi ko uwushe nyenicubahiro premier ministre Ngendandumw ari lnyenzi y umunyarwanda.ico mwomenya co ubwobugabo mwigisha inkoho tw harahez 20 ans tuziz ukumenya kurasa ni kimw ikumenya kuyikoresha ni ikindi murabe ntimubusuk tuburangiz nka m23.

  • wewe chwe njejwe na mike muraza ndabigishe amateka y uburubdi histoire mumenye neza kuva muri 65 inkotanyi zihungira iwacu abanyarwanda mwamy mwivanga muvyacu mb waruzi ko uwushe nyenicubahiro premier ministre Ngendandumw ari lnyenzi y umunyarwanda.ico mwomenya co ubwobugabo mwigisha inkoho tw harahez 20 ans tuziz ukumenya kurasa ni kimw ikumenya kuyikoresha ni ikindi murabe ntimubusuk tuburangiz nka m23.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.