Accueil > Poritike > Umukuru w’igihugu ca Benin yagendeye u Burundi
Umukuru w’igihugu ca Benin yagendeye u Burundi
jeudi 17 Nzero 2013
Umukuru w’igihugu ca Benin Thomas Boni Yayi akaba ari nawe arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika muri kino kiringo yagendeye igihugu c’u Burundi kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2013.
Thomas Boni Yayi umukuru w’igihugu ca Benin akaba ari nawe arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Bujumbura kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2013.
Mu bitegekanijwe,umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza ari kumwe na mugenzi we w’igihugu ca Benin Thomas Boni Yayi baraganira mu mubonano wabo ari babiri, hakaba kandi hategekanijwe ikiganiro ku bamenyeshamakuru kiremeshwa n’umukuru w’igihugu c’u Burundi ari kumwe n’umukuru w’igihugu ca Benin imbere y’uko umukuru w’igihugu ca Benin Thomas Boni Yayi aganuka.
Mugisha Van Naris
Messages
16 Nzero 2013, 10:02, par nope
ni akabirya!
16 Nzero 2013, 13:59, par Rushatsi Jules
Nizere ko atagiye gusaba ko u Burundi burungika abasoda muri Mali