Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’igihugu Dos Santos azova ku butegetsi mu 2018
Umukuru w’igihugu Dos Santos azova ku butegetsi mu 2018
samedi 12 Ntwarante 2016, par
Umukuru w’igihugu ca Angola, Jose Eduardo Dos Santos, yamenyesheje ko afise umugambi wo kuva ku butegetsi mumwaka w’ 2018, inyuma yo gutwara ico gihugu imyaka yababa 40.
Yabimenyeshej mw’ijambo yashikirije muri komite nkuru y’umugambwe uri ku butegetsi wa MPLA, arongoye kuva mu 1979.
Mu mwaka w’2001, Dos Santos yavuze ko hari igihe atokwitoza kandi, ariko yagumye ku butegtsi.
Umuvigizi w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi UNITA yamenyeshejeko ivyo Dos Santos yamenyesheje bazovyemera aruko yabishize mungiro.
Dos Santos ni umukuru w’igihugu agire kabiri muri Afrika amaze igihe kinini kubutegetsi, Angola n’igihugu kigira kabiri muri Africa kumwimbu w’ibitoro, ariko ubutunzi bw’ico gihugu bwaramanutse cane kubera igiciro c’ibitoro cagabanutse.
Ubu Angola iriko iraganira na Banke nkuru y’isi yose na FMI ngo ironke imfashanyo y’amahera.
IGIHE
Messages
12 Ntwarante 2016, 08:48, par tari
Ahoho numva yibutse kubogora yarasheshe nankurumbi narabe ubukene amarira namaganya ateje mugihugu
12 Ntwarante 2016, 17:40, par wingabire
yemwe havuye uwatanzania wu mushingantahe uwo yoba agize kabiri wijunja nijambo.