IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > kanyosha: Umukuru w’igihugu n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura mu bikorwa (...)

kanyosha: Umukuru w’igihugu n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura mu bikorwa rusangi

samedi 27 Ndamukiza 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, yashimye kwifadikanya n’abanyagihugu bo muri komine Kanyosha mu bikorwa vy’iterambere rusangi, kuri uyu wa gatandatu igekerezo rya 27 Ndamukiza 2013, mu ntumbero yo gushigikira umugambi wa Leta wo kwubaka amashure shingiro bimenyeshwa ko azotangurana n’umwaka w’ishure 2013-2014.

JPEG - 54.1 ko
Abanyagihugu mu bikorwa rusangi

Ari kumwe n’abanyagihugu bo mu Ruziba, umukuru w’igihugu yatanguje umushinge w’ishure rigiye kwubakwa, mu gihe uwatwara igisagara ca Bujumbura yarikoranye n’abanyagihugu bo muri Musama, Gisyo na Kajiji, kw’ishure ritoya rya Kanyasha ya mbere.

JPEG - 40.8 ko
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura hamwe n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi

Ibikorwa vyagiye gutangura nk’igihe c’isaha zibiri bitangujwe na musitanteri hamwe n’umuyobozi w’iryo shure, bari kumwe n’abanyagihugu vyaboneka ko bavyitavye ku bwinshi.

Ku bijanye n’uburyo buzokoreshwa mu kwubaka iryo shure, Musitanteri wa komine Kanyosha amenyesha ko intererano ya komine iri mu kuronsa ivya nkenerwa bimwe bimwe nk’umusenyi, igaraviye, amabuye n’intsinga zo kuboha ivyuma bizokoreshwa.

Igisagara ca Bujumbura nabo kigafasha mu gutanga ibikoresho bimwe bimwe nk’isima, amabati, inzugi n’amadirisha. Juma Saidi umukuru w’igisagara ca Bujumbura yatumenyesheje kandi ko batanga agacumu k’ubumwe mu guhemba abakozi iyo amahera yakeshe. Yivugiye ubwiwe ati: “Turamaze gufasha amashure atari make ndetse ubu yaruzuye, hasigaye gusakara gusa.” Yatanze akarorero k’amashure yo mu Bwiza, Buterere, Rohero na Gihosha.

Ku bw’umuyobozi w’iryo shure rito rya Kanyosha ya mbere, umupfasoni Munyankindi Marie, barizeye ko iryo shure rizotangurana n’umwaka w’ishure buca dutangura, ivyo akavyizera aravye ukwitanga kwa Leta, intererano y’abavyeyi baharereye, n’abanyeshure ubwabo bitaba ibikorwa vy’urwubako.

JPEG - 43.4 ko
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.