Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwandiko rusaba ifutwa ry’itagisi ry’amafaranga 42 ku munota ntirwahawe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Urwandiko rusaba ifutwa ry’itagisi ry’amafaranga 42 ku munota ntirwahawe (...)

Urwandiko rusaba ifutwa ry’itagisi ry’amafaranga 42 ku munota ntirwahawe inyishu

mercredi 28 Nzero 2015

Umukuru w’igihugu ntiyigeze yishura ikete yari yandikiwe n’amashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye, ikete ryamusaba gukuraho rya tagisi rijanye no gutumatumanako ry’amafaranga mirongo ine n’abiri ku munota, nk’uko bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, rimwe mu mashirahamwe yatanguje urugamba rwo kurwanya ubuzima buzimvye.

Haraheze iminsi cumi n’itatu amashirahamwe n’amasendika arenga amajana ane yishinze kurwanya ubuzima buzimvye yiyamirije rya tagisi ry’ugutumatumanako amakuru ry’amafaranga mirongo ine n’abiri ku munota 42 yiyongera kuyari ahasanzwe. Kubw’ayo mashirahamwe, bamenyesha ko biyamiriza iryo tagisi kuko rifise ingaruka mbi ku buzima bw’abanyagihugu muri rusangi, ku mashirahamwe yo gutumatumanako amakuru ubwayo, akazi ka benshi gapfa, kubera ko agaterefone ahenshi ari igikoresho c’akazi gikomeye, n’ubutunzi bw’igihugu burahasubirira inyuma gose.

Kuwa 12 Nzero 2015, ayo mashirahamwe yari yandikiye umukuru w’igihugu amusaba ko yokuraho iryo tagisi rifise ingaruka mbi. Mu gihe ayo mashirahamwe yari yatanze iminsi umunani, ikiringo gitegekanywa n’amategeko kugira umutegetsi kanaka atange inyishu ku rwandiko aba yarungikiwe, atari aho naho bagakora ico cose amategeko abarekurira gukora mu kwiyamiriza iryo tagisi, gushika kuri kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 28 Nzero 2015 nta nyishu ayo mashirahamwe araronka.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, yamenyesheje ko bagize akanama n’abo bari kumwe muri ayo mashirahamwe ivyavuyemwo n’ingingo zafashwe bakaba bagiye kubimenyesha abanyagihugu mu minsi ya vuba, bikavugwa ko hashobora gufatwa ingingo y’uguhamagarira abanyagihugu kureka gukoresha terefone ngendanwa zabo mu minsi izoba yumvikanyweko n’ayo mashirahamwe yiyemeje kurwanya ubuzima buzimvye.

Tubibutse ko kubera iryo tagisi ry’amafaranga mirongo ine n’abiri ryatumye amashirahamwe yo gutumatumanako aca akuraho uturusho twose twahora duhabwa abanywanyi b’imihora itandukanye.


Floxella Karire

Messages

  • Ibi vyose nabonyene babidukwegeye kuko nibo birirwa bandikira amakungu adufasha ayabuza kudufasha none mushaka reta iyakure hehe ariko uwukize isemu yibagira icamwirukana uwo nyene yirirwa avuga kera ko atavuga mudukinirako mukaduteranya na leta kandi muzi ko arimwe mutuma amakungu atwima imfashanyo dukunde igihugu cacu

  • Ahubwo iryo tagisi nibarigwize na gatanu niho nca menyako
    arabagabo. None uwu mukuru wigihugu atazi kwifatira ijambo we n’uwahe.? Reka hirya yejo bamukure nawe a
    banze yumveko ayama unité agoye kuronka....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.