IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yakiriye uwuserukira Ubumwe bwa Africa

Umukuru w’igihugu yakiriye uwuserukira Ubumwe bwa Africa

vendredi 29 Ntwarante 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahaye umubonano uwuserukira ubumwe bwa Afrika muri AMISOM, Ambassadeur Mohmat Sale, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Ntwarante 2013.

Uwo mushitsi yarazanwe n’ugukeza Uburundi ku bikorwa bishimishije vyo kugarukana n’uguhagararira amahoro mu gihugu ca Somaliya.

Mu gatondo k’uno musi, umukuru w’igihugu yabanje kugendera ishure ryisumbuye ry’imyuga riri mu ntara ya Karusi hamwe n’ibitaro vya kijambere biri muri iyo ntara nyene.

Inyuma y’aho, yagiye kwifatikanya n’abanyagihugu b’i kiremba, komine Bugenyuzi, mu bikorwa vyo kwubaka inyubakwa y’amakoraniro kw’ishure ryisumbuye rya Kiremba.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.