IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yatanguje ibikorwa vyo kwubaka ibiro vy’umukuru (...)

Umukuru w’igihugu yatanguje ibikorwa vyo kwubaka ibiro vy’umukuru w’igihugu

mardi 22 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaratanguje ku mugaragaro ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa nshasha zizokoreramwo umukuru w’igihugu,ku mutumba wa Gasenyi uri mu ntara ya Bujumbura.

Ibikorwa vyo kwubaka izo nyubako biriko bikurikiranwa n’igihugu c’Ubushinwa,kizotwara imiliyoni ijana na mirongo itanu z’amafaranga y’Ubushinwa,bizomara amezi 26.

Iyo nyubakwa izoba igizwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu,ahakorera ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu,ahazobera inama y’abashikiranganji n’ibirori vy’igihugu.

Gushika ubu umukuru w’igihugu aracakorera mu nzu irihwa na Reta,iyo nyubakwa igashobora gufasha kugarura amafaranga atari make mu kigega ca Reta.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.