Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Umukuru w’igihugu yifatikanije n’abanyagihugu mu bikorwa (...)
Ngozi : Umukuru w’igihugu yifatikanije n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere
samedi 4 Rusama 2013
Mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu igenekerezorya 4 Rusama 2013, umukuru w’igihugu yazindutse yifatikanya n’abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi mu bikorwa vy’iterambere rusangi.
Ivyo bikorwa vy’iterambere rusangi bikaba vyabereye ahariko hubakwa ikibuga c’umupira w’amaguru kiri mu gisagara co mu ntara ya Ngozi, hafi y’ibiro bikuru vy’intara ya Ngozi.
Ivyo bikorwa vy’iterambere rusangi bikaba vyari vyitabwe n’abantu benshi baje bava mu mihingo itandukanye, abashingamateka, abashikiranganji, n’abandi barongozi bo mu nzego zitandukanye z’igihugu, n’abanyagihugu benshi bo muri iyo ntara.
Ivyakozwe kwari ugukomeza kwubaka ico kibuga. Mu majambo yahavugiwe, vyagaragaza ko abanyagihugu bamaze gutahura akamaro k’ibikorwa vy’iterambere rusangi, kuko biboneka ko ico kibuga kiriko cubakwa n’abanyagihugu ubwabo, bitanga mu kwitaba ari benshi mu bikorwa vy’iterambere rusangi.
Joel Sengurebe