Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Nkurunziza aravuga uko yokinisha abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Petero Nkurunziza aravuga uko yokinisha abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka (...)

Petero Nkurunziza aravuga uko yokinisha abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka EAC

samedi 14 Ntwarante 2015

Mu kiganiro caciye kuri BBC Gahuzamiryango, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yerekanye uko yokinisha mu rukino rw’umupira w’amaguru, abakuru b’ibihugu bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe yosabwa gutegura umurwi.

Umumenyeshamakuru wo kuri BBC ati:"Petero Nkurunziza umukinyi w’umupira w’amaguru mbere akaba yarabaye n’umumenyereza wawo, ico mutari muzi n’uko azi ingene yokinisha bagenzi we bo mw’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko canke East African Community, hamwe boba bashaka kugira umurwi w’umupira w’amaguru, umviriza ingene yobatondeka".

Umukuru w’igihugu yishuye ati:" Nka jewe nigeze kuba umumenyereza (entreneur) imbere ku nomero 11 noshirako Prezida Uhuru kubera akinisha ibamfu, kandi abantu bakina imbere bakinisha ibamfu, baragora cane abakina mu magoli.

Nka Prezida Kagame kuko ari umuntu anyaruka hirya no hino kandi atiremereye, nibo bakunda gukina hagati, kuko bashobora kwiruka hirya no hino bagafasha n’imbere. Ni ingabirano abantu baba bafise.

Prezida Kikwete uravye ni umuntu yokina neza ku nomero 5, ni umuntu novuga atanga morale ku bantu bakina imbere kugira bafashe gukingira uwuri nw’igoli. Umuntu akina ku nomero 5, ni umuntu aremesha abandi bakinyi bari imbere yiwe.

Hanyuma nkabona ko Prezida Museveni yokina neza mw’igoli. Arakunda kuragira inka. Umuntu akunda kuragira inka, azigendera inyuma. Ni co gituma agiye mw’igoli, aba abona abakinyi bose akabahanura. Hanyuma kandi niwe muntu yinjiza ubwa nyuma, kandi niwe muntu akingira urugo ubwanyuma. Niwe kizigenza.

Ni co gituma ugiye kuraba, nk’urya munyegoli w’ikipe yo muri Cote d’Ivoire, kubera ukumenyera, kubera kandi ari umukurambere mw’ikipe, niwe yatumye itwara igikombe, kubera ko ari we yatsinze igitsindo ca nyuma, hanyuma kandi afata n’igitsindo ca nyuma bagire babatsinde. Turabona neza rero yuko Prezida Museveni yobikora neza mw’igoli."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ntiyavuze ikibanza nawe yokinamwo.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.