Accueil > Amagara y’abantu > Umukuru w’ikigo CNTS yabogojwe
Umukuru w’ikigo CNTS yabogojwe
mercredi 17 Nyakanga 2014
Umukuru w’ikigo c‘igihugu kijejwe kwegeranya amaraso CNTS yabogojwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu, bamwe bakibaza namba atoba yazize ingorane zari zimaze iminsi ry’ibura ry’utumwanya tw’amaraso.
Muganga Gilbert Nduwayo yahora arongoye ico kigo, akaba akuwe inyuma y’aho bamwe mu banyagihugu bapfuye kubera iryo bura ry’amaraso, ariko umushikiranganji w’amagara y’abantu agasimba akarahira ko atamuntu n’umwe yigeze acikana kubera amaraso yabuze.
N’aho muganga Sabina Ntakarutimana yari yagerageje kwisigura, bikaba vyaramugoye kuvyumvisha abashingamateka. Bamwe bakaba bamusaba ko yotanga imihoho, abandi bakipfuza ko yosaba ikigongwe kubera ubushikiranganji arongoye bwakinye ku magara y’abanyagihugu.
Mwomenya ko uwo mukuru w’umurwi ujejwe kwegeranya amaraso abogojwe mu gihe hari umurwi w’abashingamateka vyavuzwe ko ugiye gushingwa kugira ugire amatohoza.
Aristide Nizigire
Messages
17 Nyakanga 2014, 13:18, par kabizi
araguye mu mporero z uwo mugore ataco akora
18 Nyakanga 2014, 07:31, par sinasama
Ntaguye mumporera kubera nabafuye kubera we nibenshi ahubwo barikumucisha kumusaga.
18 Nyakanga 2014, 07:32, par sinasama
Ntaguye mumporera kubera nabafuye kubera we nibenshi ahubwo barikumucisha kumusaga.