IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi Croix-Rouge yagendeye u (...)

Umukuru w’ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi Croix-Rouge yagendeye u Burundi

jeudi 24 Nzero 2013

Uwurongoye ishirahamwe ritabara imbabare Croix-Rouge Tadateru Konoe yagendeye u Burundi kuri uno wa kane igenekerezo rya 24 Nzero 2013.

Igihe yashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura, kuri uno mugoroba,umukuru w’ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi Croix-Rouge yamenyesheje ko intumbero y’urwo rugendo ari kuramutsa abasanzwe barongoye ishirahamwe Croix-Rouge m’u Burundi hamwe no kuraba intambwe ibikorwa vya Croix Rouge m’u Burundi bigezeko.

Kubwa Docteur Francois-Xavier Buyoya arongoye ishirahamwe Croix -Rouge m’u Burundi ngo yakiriye uwo mutegetsi aje kumugendera, mu gihe abandi batwaye iryo shirahamwe yariyarabasavye ko bogendera u Burundi ariko bakaba batigeze babikora kuko bari bafise ibikorwa vyinshi baba bariko barakora.

Nkuko yabandanije abimenyesha,ngo mu gihe rero uwurongoye Croix-Rouge kw’isi yahora aronka ivyegeranyo vy’ingene Croix- Rouge m’u Burundi ikora biciye mu nyandiko,ubu kazoba akaryo ko kuvyibonera ku kivi.

Ikindi yamenyesheje yavuze ko kazoba akaryo ko gusuzuma ko ibikorwa bari biyemeje kurangura kuva mu mwaka w’2010 gushika mu mwaka w’2013 vyakozwe nk’uko vyari bitegekanijwe.

Tubamenyeshe ko uwo atwara ishirahamwe Croix- Rouge kw’isi ategekanya kubonana n’abategetsi bamwe bamwe barongoye u Burundi,harimwo umukuru w’igihugu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.