Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe APDR yagirizwa gutyoza Gaston SINDIMWO yasubirijwe
Umukuru w’umugambwe APDR yagirizwa gutyoza Gaston SINDIMWO yasubirijwe
lundi 29 Myandagaro 2016, par
Inyuma y’amezi ane aheze apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kw’igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2016, umukuru w’umugambwe APDR yasubirijwe muri ico kibanza.
Aimable Bakundukize yahora aramutswa umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yagirizwa n’ubutungane bw’Uburundi ko yashikirije amajambo atyoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo. Amategeko y’uwo mugambwe avuga ko uwujejwe ayo mabanga arengeje imisi 60 ataboneka mu bikorwa ashinzwe, aca asubirizwa n’uwundi.
Mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’uwo mugambwe APDR ryabaye kuri uwu w’Imana, uwemejwe mu burongozi bw’uwo mugambwe ni Gabriel BANZAWITONDE, akaba ariwe agiye kuramutswa uwo mugambwe. Uwo mukuru mushasha wa APDR yahora ariwe munyamabanga mukuru akongera akaba n’umuvugizi. Ariko tukabamenyesha ko yemejwe mu kutumvikana hamwe n’uwahora ari icegera Fabien NDIHOKUBWAYO nawe nyene yari mu bitoza, ariko mbere akaba yahavuye ava mu kibanza cariko kiberamwo ayo matora.
Gabriel BANZAWITONDE, umukuru mushasha wa APDR avuga ko amategeko yose yubahirijwe mw’itorwa ryiwe, akavuga kandi ko yizeye ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buzokwemeza ivyavuye mu banywanyi b’uwo mugambwe bari muri iryo koraniro ryabaye kuri uwu w’Imana.
Muri iryo koraniro, ingene amategeko agenga amatora yabitegekanya, mu gihe hari hasigaye umwe ahiganirwa ico kibanza, abatora bamwemeza mu gukoma amashi.
Aimable Bakundukize, yahora ari umukuru w’umugambwe APDR yafashwe kw’igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2016, abanza gupfungirwa mu gasho k’ibiro bikuru vy’igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Yafashwe mu gihe yaheruka gushikiriza mw’itangazo yasohoye, ko yaneguye ijambo ryashikirijwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba mbere muri iryo tangazo yamusavye gusokora ivyo yashikirije.
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba yaheruka gusaba abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu yahagaritse imfashanyo zahora zihabwa Uburundi, ko bosubira iwabo, icegere ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo akaba yari yababwiye ko botaha iwabo canke bagasaba uruhusha rw’ukuba mu Burundi nk’ingenzi (Tourisme).
IGIHE
Messages
29 Myandagaro 2016, 13:24, par Mob
Abarundi abenshi basigaye ari na nsumirinda abashingantahe baiye he?
29 Myandagaro 2016, 15:03, par kur
NIMBA BAMUHOYE IVYO SINDIMWO YAVUZE BAMUHOYE UBUSA AHUBWO SINDIMWO NTIYAVUZE YARAGOTSE KURYA NUKUDEDEMBA
29 Myandagaro 2016, 15:59, par Kanyosha
None ngaho nyakwubahwa icegera CA 1c’umukuru wigihugu Gaston Sindimwo ivyoyavuze sibintu vyumvikana? Umva banje kubamu Burundi kugira bafashanye nuburundi nibihuguvyabo none ibihugu vyabo vyahagaritse gufashanya nigihugu cu Burundi arinaco gihugu nyakwubahwa Gaston Sindimwo abereye icegera cambere cumukuru wigihugu jewe numva uwomuntu yavuzeko icegera cumukuru wigihugu yihenze ahubwo niwe yihenze mbere sukwihenda gusa arubahuka mbere ntaho ataniye nabamwe bagerageza gukubita kudeta kuya 13/05/15 nahanwe kuko ashigikiye ibidakwiye gushigikirwa abanwanyibiwe nabarundi ariko abafatiye ibihano abanwanyibiwe icegera cambere cumukuru wigihugu bababwiye ati nimba ibihugu vyanyu bitemeye kubandanya bifashanya nu Burundi/abarundi tekera ntusubire iwanyu,maze uwo ngo numukuru wumugambe akacayifatira mugahanga nyakwubahwa icegera cambere cumukuru wigihugu ngwavuzenabi!?.
29 Myandagaro 2016, 17:21, par BAYISENGE CYRIAKO
NUKURI BIRABAJE CANE
29 Myandagaro 2016, 19:39, par Munyaneza norbert
Kuramwo izo njavyi.
30 Myandagaro 2016, 06:33, par Parena
Eka ntabashingantahe tugifise,hasigaye ba Pascal Nyabenda le grand négacioniste, Association des réscapés du Genocide des Tutsi au Rwanda bamwitwariye muri Court international, ubujuju bwaba Nyabenda n’abandi ba DD bubakozeho
30 Myandagaro 2016, 12:19, par Jijuka
@Parena
Erega Nyabenda umuhora ubusa; none n’aba nabo bavuga aho hasi baratubesha?
Ushaka tumire gusa ibinyoma mwama muriko mudutamika?
Irabire nawe:
http://www.egaliteetreconciliation.fr/L-Histoire-inedite-du-Rwanda-29319.html
30 Myandagaro 2016, 14:06, par Parena
@Jijuka iyi Untold story narayiravye ndayizi,muga ni film ijanye n’ibinyoma ibi vyakozwe n’umu britanique arihamwe na oposition y’Abanyarwanda, ntakuri kurimo
30 Myandagaro 2016, 21:47, par Strong Rwanda
@Jijuka,jye ndi umunyarwanda uri neutre,ibi ntibikakurangaze,ni political affairs,nta kuri kurimo nagato
30 Myandagaro 2016, 22:32, par Kanobana
Mundebere les bandes rôles bagikoresha muri campaign,harya ngo murota muhanganye n’u Rwanda ruyobowe na HE Kagame,muziyahura