Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’umugambwe APDR yahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe APDR yahagaritswe

Umukuru w’umugambwe APDR yahagaritswe

vendredi 22 Ndamukiza 2016, par egide

Aimable Bakundukize arongoye umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yafashwe kuri uwu wa gatanu, imbere y’ahakorera ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu. Uwo yahagaritswe yari yitavye isango yahawe n’icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu gihe yari arindiriye ko ahabwa «murekarengane» (Laisser- passer), kugira yinjire ahakorera icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, kw’isango (Rendez-vous) yari yahawe na Abel Gashatsi, icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, umukuru w’umugambwe APDR yahagaritswe n’abantu babiri, umuporisi umwe, hamwe n’uwundi muntu yambaye impuzu zisanzwe (Tenue civile), aca atwarwa mu kibanza kitaramenyekana.

Aimable Bakundukize, umukuru w’umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yaheruka gushikiriza ko yaneguye ijambo ryashikirijwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba mbere muri iryo tangazo yamusavye gusokora ivyo yashikirije.

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aheruka gusaba abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu yahagaritse imfashanyo zahora zihabwa Uburundi, ko bosubira iwabo, icegere ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo akaba yababwiye ko botaha iwabo canke bagasaba uruhusha rw’ukuba mu Burundi nk’ingenzi (Tourisme).


IGIHE

Messages

  • Ego guhagarikwa nivyiza kuko ntamuntu yonegura ivyumutegetsi yashikirije,kuko birya Gasto yavuze nitwebwe abenegihugu twabimutumye nimba uyomukuru wa APDR atari kumurongo wabarundi bamahoro,nawote ntakundi mbe hoho yaragiye kumubwira iki?konzi izonjavyi bavugira kumaradiyo bagakora amakudeta kumaradiyo ya prive ahubwo panga akarere mumukosore!

  • Nabategetsi,mwibagiraningoga,uhezekuvugayamuhe,wongere,ungende,gusabijambo,ugira,mucasanu,nugwanko,mufitaniye,rekohunje,muri,beser,nihohohora,wibuka,vyowavuze,ariko,ntawuryakatamugoye,niwagirigwa,ubuntu,ntibagucumutwe

  • NAMBA UWO YIYITA CAKIRA ARIWE YARI YABIMUTUMYE JEWE SINDIMWO KUKO NTANABONZI

  • Ewe Cakira urumwansi w’amahoro na democratie basi ,mugabo ntawokurenganya ubwenge ufise niho bugera ,kubwawe uwo wese mutumva ibintu kumwe nuwo gupfa,nahomwokwimena ntaho muzigera mubona abarundi twese tuvuga tukumva ibintu kumwe ,naho arivyo mwipfuza muzopfa mutabishitseko ,mbega ivyo mutumana na gaston mubitumanira hehe? wivugire ntitwagutoye ngo utuvugire ufise ivy’umutuma uzobimutume kugatwe kawe nayo kuvuga ngo twebwe abarundi nitwebwe twamutumye kuvuga burya burofa ,kuramwo

  • Mana Tabara Abarundi Tujekumavi Dusenge Ruburundi Mazimana Izotwumva Iheze Itabare Abarundi Dusigaye Turyana Nkinyamaswa

  • Gufata umuntu sans mandat d’arret vyitwa kunyuruzwa

  • Mudahagurutse Ngo mukure amaboko mumpuzu Ngo mwirwanire nkurumbi nakagarwi kiwe barabamara ntagisivya kuko ntibakiri abantu basigaye Ari amabingira nimwishinga guca agatwe kagufi arabamara ntibukuka mwibukeko ukubica Atari amavuta ariko arabasiga iryinyo kurindi ikofe kurindi umugere kuwundi ntakindi gisigaye

  • Mugasinzir araribwa ivyubu mbona bitoroshe uwugiye kugira agaruke sicoroshe

  • Jew sinunvako icegera cumukuru wigihugu yabeshe ahubwo yariyatevye kubibibutsa none atanfashanyo baduha barigukora iki mugihugu?nibatahe baje iwabo.

  • Jew sinunvako icegera cumukuru wigihugu yabeshe ahubwo yariyatevye kubibibutsa none atanfashanyo baduha barigukora iki mugihugu?nibatahe baje iwabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.