Accueil > Poritike > Umukuru w’Umugambwe CDP yaratahutse mu gihugu
Umukuru w’Umugambwe CDP yaratahutse mu gihugu
jeudi 14 Ruhuhuma 2013
Umukuru w’umugambwe CDP Anicet Niyonkuru yararemesheje ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2013.
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2013 mu kiganiro c’abanditsi n’abamenyeshamakuru,umukuru w’umugambwe CDP Anicet Niyonkuru yatangaje ko atahutse mu gihugu ku gushaka kwiwe kugira bakomeze umugambwe no kwitegurira amatora agiye kuza.
Ku kibazo co kumenya nimba umugambwe wiwe uri kumwe n’imigambwe itavuga rumwe na Reta,yaratomoye ko ari mubatavuga rumwe na Reta.
Kugira amatora agiye kuza aze agende neza,Anicet Niyonkuru asaba ko hokoreshwa ikarata imwe y’amatora.
Yaciye aboneraho n’akaryo ko kugaragaza akababaro afise kuri abo bose babuze ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura aca asaba umurundi wese eka n’umunyamahanga aba mu Burundi kugaraza umutima wo gushigikiranira
Mariella Bukuru
Messages
2 Ruheshi 2015, 20:14, par Nsavyimana Lévis
MURAKAZA NEZA MUGIHUGU CAMAVUKIRO