Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umukuru wa al-Qaida yavuze ko batemera umuhari Etat islamique
Umukuru wa al-Qaida yavuze ko batemera umuhari Etat islamique
lundi 14 Nyakanga 2015
Umukuru w’umuhari Al-Qaida Ayman al-Zawahiri amenyesha ko mu muhari al-Qaida batazi umurwi uvuga ko wishinze gushinga Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam Etat islamique.
Mu butumwa yatanze bwamaze hafi isaha,Ayman al-Zawahiri yaneguye umurwi Etat Islamique aca ahamagarira abayoboke b’idini rya islam kugira ibitero ku bihugu bishigikiye umurwi Etat islamique bikorera mu gihugu ca Siriya na Irak.
Ayman al-Zawahiri amenyesha ko Reta igomba gushingwa mu gihugu ca Irak igomba gushingwa ku nguvu,agatera ivyatsi kandi urupfu rwa Peter Kasig umwongereza yanyurujwe hanyuma yicwa na Etat islamique yamaze guhinduka umu islam.Avuga ko nimba abanywanyi ba Etat islamique bica abahindutse aba islam badashobora kubashigikira.
Umukuru wa al-Qaida asaba ko abayoboke biwe bokora ibitero ku bihugu vyagiye gufasha muri Siriya na Irak,ivyo navyo ni Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubufaransa.
Van Naris Mugisha
Messages
14 Nyakanga 2015, 16:37, par FESTUS
OBAMA NUMUSAZI YIVANGA MUBITAMURABA
16 Nyakanga 2015, 00:53, par Josaphat
kwica ntaco bimaz ahubwo bitera umuvumo kumwicanyi.
17 Nyakanga 2015, 09:41, par Tubirabe
Ahoho Al-qaida yoba igize neza igiye gutera ivyo bihugu kumbe Etat-islamiste yashizwe ho nabanyamerika,abongereza nab,afaransa ubwo satani ntituzomuronderere ikuzimu araha kw,isi pe bagashigikira abantu bokumara abantu kunyungu zabo gusa bazobibazwa pe!
17 Nyakanga 2015, 17:12, par KIZUNGUZUNGU
NIBANYARAGAS BATERE IVYO BIHUG KUKO BIRATERANYA CANE ABO BAZUNGU NTIBOREKA ABO BARABU ARIKO IMANA IZOBABARIRA UWUYISABA IKIGONGWE