Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru wa CNC arahakana umugambi uvugwa wo kwugara RPA
Umukuru wa CNC arahakana umugambi uvugwa wo kwugara RPA
mardi 2 Nyakanga 2014
Ubuyobozi bwa RPA bumenyesha ko bufise amakuru ko hari umugambi wo kwugara iyo nsamirizi imbere y’amatora yo mu mwaka w’2015. Ayo makenga y’ubuyobozi bwa RPA afatiye ku makete y’ukubagabisha barungikirwa, ku bwabo bikerekana ko ari intumbero y’ukurondera amakosa aho atari, kugira ingingo yo kubugarira ifatwe. Mu rwego CNC barabihakana, bakamenyesha ko bashira imbere ibiganiro kurusha ibihano.
Urwego CNC rujejwe gucungera itangazamakuru mu Burundi ruheruka kwandikira insamirizi RPA, ruyigabisha ku makuru iyo nsamirizi yatanze umunsi hibonekeza umwotsi ku banki nkuru y’igihugu. Umuyobozi wa RPA, Bob Rugurika, akabona ko ari ugushaka gutera ubwoba insamirizi arongoye, mu kuyagiriza amakosa adasiguritse, kugira urwego CNC ruhave rufata ingingo yo kubugarira. Nk’uko amakuru Bob Rugurika amenyesha ko afise abivuga, hoba hariho umugambi wo kwugara iyo nsamirizi imbere y’amatora yo mu mwaka w’2015. Bob Rugurika yemeza ko ivyo bakora vyose bisunga amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru. Mu gihe naho Reta yokoresha inguvu ikugara iyo nsamirizi, umuyobozi wa RPA avuga ko bazokwitwarira Reta y’Uburundi, haba mu gihugu canke mu makungu, kuko umugambi wo kuyugara uzoba washizwe mu ngiro n’abatwara CNC, ariko wateguwe na bamwe mu bategetsi badashimishwa n’ibikorwa vy’insamirizi RPA.
Urwego CNC rumenyesha ko rushira imbere ibiganiro
Umukuru w’urwego CNC, Richard Giramahoro amenyesha ko ata mugambi wo kwugara RPA uhari, kuko n’iyo hari amategeko yarenzwe mu mwuga wo kumenyesha amakuru, mu rwego CNC bashira imbere ibiganiro, ibihano bikaza mu nyuma. Ku bivugwa ko urwego CNC rwagarukanye nk’icitwazo ivyabaye umunsi haboneka umwotsi kuri BRB, Richard Giramahoro amenyesha ko yari dosiye yuguruwe n’urwego rujejwe gukurikirana itangazamakuru mu Burundi, ikaba yasozerewe bagabishije gusa, ko amakosa yibonekeje asubiriye ariho ibindi bihano bishobora kuzofatwa.
Kuvyagirizwa urwego CNC ko rukoreshwa ku mategeko y’abategetsi bo hejuru, Richard Giramahoro asigura ko ingingo zifatwa na CNC ziba zavuye mu nama ya bose, iyo nayo ikaba igizwe y’abahoze ari abamenyeshamakuru icenda kuri cumi na batanu, harimwo mbere n’abakora mu binyamakuru vyigenga. Richard Giramahoro araremesha ubuyobozi bwa RPA, abasaba kwubahiriza amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru, akamenyesha ko ata mugambi wo kwugara RPA uhari.
Egide Nduwimana
Messages
2 Nyakanga 2014, 11:17, par Ricaldo
Iyi Radio RPA ni bayifunge boba bakoze kuko ni karyanisha miryango yigisha amacakubiri muri bene Burundi
2 Nyakanga 2014, 11:52, par manzi
Aba DD namamvuga kwa bwenge mugira ngo nibayugare mbe wakirofawe urikuvuga ngo bayugare,mwibaza ko bayugaye boba bugariye Imana!
2 Nyakanga 2014, 12:00, par John
RPA ni Radio nziza cane kuko itagaza amakuru yimvaho cane cane kubantu bari mumahanga iradufashacane
2 Nyakanga 2014, 12:34, par truth
Ninde azi ico bita ligne editoriale d’un media:La voix des sans Voix!!! hariho abavuga ngo bugare RPA kuko baronderera inda zabo.aho ntimubona ko RPA ifashije abantu batari bake badafise aho bavugira????? erega RTNB si iradiyo y’igihugu niyo ubutegetsi.nkubu umunyagihugu yasinzikarijwe agateka murigera mwumva imuvuga? reka RPA ivuge kuko irafasha
2 Nyakanga 2014, 13:02, par Ap
AHUBWO BARATEVYE KUYUGARA NTAKAMARO KANINI IFITIY ABENE GIHUGU URETSE GUTWARIRA HEJURU VYONYENE ..ABARI HANZE NGW IRABAFASHA IBAFASHA IBIKI?NIGENDE..AHUBWO LETA Y UBURUNDI IRIHANGANA CANE...
2 Nyakanga 2014, 13:33, par truth
bazomenya ko ari iradiyo nziza igihe nabo bizohinduka ikabavugira!! mbega ayandi maradiyo bita ko akora neza ico yoba afashije abanyagihugu ni ikihe? atari ukwivugira gusa ngo Reta yakoze ibi? mbega mumbarize umwenegihugu niki?umunyagihugu niki? amakode ya DD reka basha kuyakurikira mwe ntaco muzi.RPA nayo niyikorere ibandanye gukiza abatari bake
2 Nyakanga 2014, 13:59, par Nzojiyobiri
Wewe uvuga ngo RPA niyugarwe uwogutuka yoba arenze amabwirizwa yuhoraho,ariko icowomenyaco nuko atakabikayo!ntumere nka pirato ngontirunveko vugukuri hanyuma niwagomba ukuzire.
2 Nyakanga 2014, 14:01, par Gerard
Bugaye Rpa nukuvuga ko Rema yoyo baba baramaze kuyifuta.Mutama urongoye Cnc erega abarundi nubwo tutagira ahotuvugira ntugire ngo ibiba ntitubibona.ivyo Rema ivuga ko udakurako umunwa?intwari nubwo hohera imyaka ibihumbi ntizibagirwa ariko uwuhengamye iyo intwaro yarahengamiyeko ihindutse cv yiwe ntiba nziza.iyo ukora ivyiza n,umwana wawe aravyitirirwa nibibi nuko.
2 Nyakanga 2014, 14:14, par Niyo
Abantu nka ba Manzi bita abandi ngo ni ibirofa bakwiye gushengezwa,jewe ahubwo mbona ariwe kirofa!!!kandi ndibaza afise amenyo maremere agendera hejuru adafunga umunwa nk’intozo.
2 Nyakanga 2014, 17:27, par Nelson
Wewe wiyita Ricaldo nabandi musangiye umugambi mubi wogusaba ngo bugare rpa nimwumveko ataho mutandukaniye nabansi ba demokarasi bo 1993.mushaka muze mukora amafuti ntibitangazwe mbe ninde atabona amafuti yanyu.Mutama Richard niwemereakabi urakuze uwomugambi urahari erega murabitegura hama ababivugabakava muri mwebwe.
2 Nyakanga 2014, 17:51, par frank
Erega nubundi iyo radio ntabwo hazogera amatora igikora kuku niwo radio mu Burundi ndemera nkunda idatinya kuvuga kukibazo carico cose ramba.abarundi tugiye guhona harabuze nugwego narumwe rworeka gukora ivyubutegetsi bubutegetseirega iyi CNC na CN yamatora muriyi minsi ya matora bigiye gukora nkubutungane vyuburundi.Imana nitwibuke.
2 Nyakanga 2014, 19:31, par sivyubu
"uriradiyo sha"abavuga bayugare muvyemere canke mureke muzorisubizako jewe sivyubu1nibisuma2nabarimubibanza bitabakwiye3nabatinyukuri4basumirinda 5 babandi bihindutse bacabarwarumutima.uriradiyo umunyagihu yabuze hariserurira umusanga murutoke......
3 Nyakanga 2014, 03:15, par Mwezi
Nta kintu Radio RPA yigeze ivuga kitabaye canke kitashitse. N’ikitarashika kizoshika. Ndabahe akarorero ka hafi. Batarafata Mutama Mbonimpa yarabivuze n’aho amanama yabereye. None vyagenze gute? Ni vyinshi sinobivuga ngo mbiheze. Ariko ico nobamenyesha ni uko intwaro zose zija guhirima zitangura uko.
Murantunga ndi mu makungu ariko ibiba turabibona.
3 Nyakanga 2014, 23:56, par @#
izobivuga nyene amakosa mukora ararenze ayi mbeba ni ngurube bikora
7 Nyakanga 2014, 17:56, par JAJA
ewe manzi ndasomye iki ciyumviro watanze nciye numva iseseme ariko icombonyeco nuko wita abanda irofa Kandi mbonumenga ntarofa izigusumba!!!!!