IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umukuru wa UPD Zigamibanga yasabiye umwidegemvyo Petero Karaveri (...)

Umukuru wa UPD Zigamibanga yasabiye umwidegemvyo Petero Karaveri Mbonimpa

lundi 7 Mukakaro 2014

Umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko Petero Karaveri Mbonimpa yari akwiye gutezurirwa akaburana yidegemvya. Zedi Feruzi akavuga ko atacosigura ko Petero Karaveri Mbonimpa atohabwa umwidegemvyo w’agateganyo kandi atigeze yanka kwitaba ubutungane.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu w’Imana, Zedi Feruzi, umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga yemewe na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko ubutungane bwari bukwiye kurekura Petero Karaveri Mbonimpa, akaburana yidegemvya. Kubwa Zedi Feruzi, uwo mukuru wa APRODH yaharaniye agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe ntashobora guhunga ubutungane, ari naco gituma yari akwiye gutezurirwa.

Tubibutse ko no mu ntahe y’icese yo kuri uwu wa gatanu, imbere y’uko abacamanza bafata ingingo y’ugushira urubanza mu mwiherero, ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa basavye ko yoburana yidegemvya. Antoine Nzobandora, ari nawe yari arongoye umurwi w’abashingwamanza baburanira Petero Karaveri Mbonimpa, yibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, canke arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana atava mw’ibohero.

Umushingwamanza Antoine Nzobarinda yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane, aho mukamenya ko Petero Karaveri Mbonimpa ageze ku myaka 65 y’amavuka. Abo bashingwamanza bemeye ko naho vyoba bikenewe, ingwati yotangwa, ariko uwo baburanira agahabwa umwidegemvyo w’agateganyo arekurirwa n’amategeko. Bitegekanijwe ko ubutungane buzomenyesha kuri uwu wa kabiri ingingo bwafashe, namba yogumizwa mw’ibohero canke agatezurirwa.

Petero Karaveri Mbonimpa akwije iminsi 52 apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yagirizwa uguhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu c’Uburundi, n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yahagaritswe aca arungikwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator Ndayiziga batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.


Egide Nduwimana

Messages

  • Abamupfunze babigize babibona ngo biyerekane ko bahambaye mugihugu cabo!ariko ntawutinya agasho.umubi nuwukwishe.na mandela yamaze imyaka 27years ariko yavuyeyo aba president.rero nibamurekure agasho nibintu bisanzwe cane.ntakimaramaje kirimwo.nimba bagomba kumumaramaza.imbere yabo ajejwe kuvugira.ahubwo. Niho yaronkeye akanya ko kuvugana nabo.Imana irikumwenawe mbonimpa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.