IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru yashize umukono ku mategeko agena abayobozi batandukanye mu (...)

Umukuru yashize umukono ku mategeko agena abayobozi batandukanye mu gihugu

mardi 25 Myandagaro 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasohoye amategeko agena bamwe mu bayobozi bakuru mu mabanga y’igihugu.

Mu mategeko y’umukuru w’igihugu yateweko umukono kuwa 25 Myandagaro 2015,aba nibo bagenywe mu mabanga atandukanye :

Uwujejwe ingendo z’umukuru w’igihugu ni Felicien Nduwuburundi,umuvugizi wa Reta akaba n’umunyamabanga wayo ni Filipo Nzobonariba yahora ajejwe ayo mabanga nyene,umunyamabanga ntayegayezwa w’inama nkuru y’umutekano ni Gen de Brigade Emmanuel Miburo.

Abandi bagenywe ni Serges Ngendakumana yagenywe kurongora ibiro bijejwe gukora ivyigwa hamwe n’iterambere,icegera ciwe ni Pierre Mupira.

Mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Deo-Bede Mpfubusa yagenywe kuba umuyobozi mwishikira.


Van Naris Mugisha

Messages

  • NYAKUBAHWA UMUKURU WIGIHUGU NKURUNZIZA ARANEZA ATORE ACMUFASHA GUTWARA IGIHUGU NEZA NTIBATE MUKAGA UBURUNDI BWAVUYE KURE NTITUGOMBA GUSUBIRA AHO TWAVUYE DUSONGE MBERE,

  • komera mutama hama ubuzima bwigihugu bubandanye

  • Komera uwukwanka nawe akwandure ko ar’ akagani ko wariwakabaciriye ati bazohera nkipfu yimijira koko.

  • komera mutama Imana ikomeze ikurinde, uzokwanka Imana nayo izomwanka uzo gukunda nawe Imana izomukunda.

  • Ko Avuga Ngo Ni Leta Yubumw,abahakany Ikiring Ca3 Barimwo Non Batarimwo Ubwo Bumw Nubuh? Ha Mana Tabara Uburundi

  • ntamvura idahita na micombero yaragiye nabandi bazotuva imbere. kandi uburundi ntibuzokwigera buhunga. imyaka itanu, cumi, mirongo ibiri,...kadafi yamaze 42, compaore 28, bose bagiye batuka. ivyo bakoze neza babirwije n.ubusa none babaye icirwa ca benshi liretse abarundi batabona bigira ngo ni imbonerakure. jeho ndagiye ariko uwuzoramba azobona.

  • ABARUNDI MURANTWENZA,,MBE KUVA KUBATWAYE UBURUNDI UWURATWARA MUMUCO NKA NKURUNZIZA NINDE? KIMWE GUSA HARIHO AKAGWI KAMA KATEREKWA GUTWARWA AKONAKO TURAKAZI NIKO KAMA GATERA IGERE KAKANATANGA VYINSHI KAGAKORESHA ABANDI KABINYEGEJEMWO KANYEGEZA INZARA KUGIRA NTIKABONEKE IKIZWI NUKO MURI DEMOCRATIE ATACO KONOBA,,MUBISANZWE DEMOCRATI NIRAMBA UWUSHIZWE IMBERE NABANYAGIHUGU ABE ARIWE ARONGORA,,UWO ASHAKA KUZA KUNGUFU ATESHWE ATE,,,,UBURUNDI BURIMASO UWONAWE YITWAZA ABAZUNGU NGWAJE GUTWARA NAZE TURABE IKIZWIKO ABAZUNGU TWARABIKUYEKO MWEBWE MUKIRI MURI ESCRAVAGE MUTARIKUKIRA,,BANDANYE IKIZWI COCO UWOZOZA MUMAHORO TUZOMWAKIRA MUMAHORO UWOZOZA KUDURUMBANYA UBURUNDI NA RETA YAYO KUNGUFU AZOGWANYWA KUNGUFU IMANA ITUBERE ICABONA,,,! UWUZORUKARISHA RUZOMUMWA AMASE YAKERA NTAGIHOMA URUTARO MUBIMENYERE.

  • Emwe dushaka twigwiza ibikorwa tukagabanya amajambo kuko ntamuntu mbona yoza akura ingorane ziri muriki gihugu cuburundi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.