Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Saido NTIBAZONKIZA yeretse umumenyereza ko ariwe kizigenza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido NTIBAZONKIZA yeretse umumenyereza ko ariwe kizigenza

Saido NTIBAZONKIZA yeretse umumenyereza ko ariwe kizigenza

jeudi 26 Ntwarante 2015

Urukino rwa kivandimwe rwahuje umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba n’umurwi nserukiragihugu w’izinga rya Maurice rwarangiye imirwi yompi inganije 2 kuri 2. Urwo rukino rwabaye umumenyereza mushasha w’Intamba atari mu kibanza cicaramwo abamenyereza.

JPEG - 71.4 ko
Abakinyi b’Intamba batanguye mu kibuga

Intamba mu Rugamba zaraye zinganije n’umurwi nserukira gihugu w’Izinga rya Maurice ibitsindo 2 kuri 2. Abakinyi b’Intamba bakinye icuka atari ciza hagati y’abo n’umumenyereza mushasha Ait ABDELMALEK. Ivyo vyavuye ko uwo mumenyereza yashatse gukura kizigenza w’Intamba Saido NTIBAZONKIZA. Ico bapfuye n’uko Ait ABDELMALEK yabajije Saido ko akina mu Burundi ari uwundi akibaza ko abimubajije azi ko akina hanze y’igihugu (Turkiya). Uwo mumenyereza aca amukura kuba kizigenza w’Intamba, Saido nawe aca afata ingingo ko adakina kandi ko aca asezera gusubira gukinira umurwi nserukiragihugu. Ivyo bica bituma abakinyi bose barahira kudahonyoza amaguru mu kibuga Saido adakinye kandi akine ari kizigenza wabo. ivyahavuye biba nk’uko abakinyi babishatse.

Amakuru ava i Port-Louis amenyesha ko umumenyereza mushasha Ait ABDELMALEK yarabiye urukino kure (mu bwugamo), kw’itegeko rivuye "hejuru". Vyabaye Ait ABDELMALEK yari yamye mu myimenyerezo yo gukinisha abakinyi mu kibuga c’i Port Louis cabereyemwo urukino. Ayandi makuru avuga ko ikibazo c’umumenyereza Ait ABDELMALEK kigiye kubandanywa cigwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB).

Naho vyabaye uko, ntivyabujije ko ibitsindo 2 vyose vy’Intamba mu rugamba vyinjijwe na kizigenza w’Intamba mu Rugamba Saido NTIBAZONKIZA.

Raba kimwe mu bitsindo vyinjijwe na Saido Ntibazonkiza. .


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.