Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umumenyereza wa Olympiakos aherutse kwirukanwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umumenyereza wa Olympiakos aherutse kwirukanwa

Umumenyereza wa Olympiakos aherutse kwirukanwa

mercredi 23 Nzero 2013

Umumenyereza wa Olympiakos yarirukanywe muri uwo mugwi azira ko yaryamanye n’umugore w’uwurongoye uwo mugwi.

Iyirukanwa rya Leonardo Jardim ryatumye haba amajambo .Dufatiye ku nkino,umumenyereza wa Olympiakos nta kintu kinini yari kwagirizwa kuko umugwi yari asanzwe amenyereza uza mu kibanza ca mbere mu gihugu c’u Bugiriki,ukaba mbere urusha umugwi wa kabiri amanota 10,ukaba ufise intsinzi 14 n’inkino 3 wanganije.

Mu gihe rero bigoye kumenya neza icatumye yirukanwa.Ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Portugal bikaba vyaratangaye bica bikora amatohoza bica bisanga uwo mu menyereza yahora afitaniye ubucuti budasanzwe na Jelen Trojanske,umugore w’uwurongoye umugwi yahora amenyereza. Ivyo rero bikaba bitanezereje Evanglos Marinakis arongoye uwo mugwi kuko wewe yabifashe nk’akagaye aca afata ingingo yo kumwirukana.

Ariko rero kumvo zo kutabishira hejuru,havugwa ko uwo mu menyereza yirukanywe kubera yakinisha urukino rwo kuzibira inyuma,ibisanzwe bitari mu ngendo y’umugwi.
Tubamenyeshe ko ubu uwahoze ari umunyezamu Antonios Nikopolidis ariwe amenyereza uwo mugwi ivy’infayata kibanza.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.