Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Désiré NIYONDIKO yasezeye isi
Umumenyeshamakuru Désiré NIYONDIKO yasezeye isi
mardi 11 Ntwarante 2014
Umuryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi uri mu kigandaro, inyuma y’urupfu rw’umumenyeshamakuru Désiré NIYONDIKO yahoze akorera insamirizi "ISANGANIRO". Abamuzi n’abakoranye nawe bamenyesha ko yakunda umwuga, agakunda n’abandi, cane cane akaba yari umuntu yitangira abandi, naho yaba afise nawe ibikorwa, akaba yashira imbere ugufashanya.
- Désiré NIYONDIKO yahitanwe n’indwara ya kanseri yo mu gitigu
Désiré NIYONDIKO yari amaze nk’umwaka wose batoye ko arwaye indwara ya kanseri y’igitigu (cancer du foie). Yaragiye kwivuza mu gihugu c’Ubudagi, mu nyuma abandanya akurikiranwa ku bitaro Bumerec i Bujumbura, ari naho yasandabiye.
Désiré NIYONDIKO asize umuryango ugizwe n’umupfasoni wiwe n’abana batatu bakiri bato. Abo bakoranye bamenyesha ko batazokwibagira inkuru zivanze n’impanuro yahora abaha. Muri ibi bihe bitoroshe ku muryango wa Désiré NIYONDIKO, uruganda rw’itangazamakuru rw’ikinyamakuru IGIHE rwifadikanije n’umuryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi mu guhoza incuti, ababanyi n’abagenzi b’umumenyeshamakuru Désiré NIYONDIKO yitavye Imana kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Ntwarante ku bitaro BUMEREC i Bujumbura.
- Abagendanye na Désiré NIYONDIKO bamenyesha ko yakunda akazi
Egide Nduwimana
Messages
11 Ntwarante 2014, 16:54, par Habib ABC
CONDOLEANCE A LA FAMILLE
11 Ntwarante 2014, 17:06, par vianey
Imana imwakire mu bwami bwayo
11 Ntwarante 2014, 17:33, par sivyubu
Imana imwakire ndahojeje numuryango wabamenyeshamakuru bihangane aha twese turimunzira
11 Ntwarante 2014, 17:43, par Richard
Ndahojeje umuryango wabuze
11 Ntwarante 2014, 17:56, par Aline
Ndahojeje umuryango wiwe n Umuryango w Abamenyesha makuru b Iburundi bose jewe narindamuzi mukiganiro aho iwanyu havugwa amaki ntihenze umungo niwe yagitanguje kuri radio isanganiro none Imana imwakire mubwmi bwayo buhoraho amen!!!
11 Ntwarante 2014, 18:31, par Rev.Jean Claude Ntimpirangeza
Umuryango ndawipfurijekurema kuko twese ariyo nzira! Aryamiye ukuboko kw’abagabo tumuragije Iyamuremye kandi ngo;Harahiriwe abapfa bapfira mu Mwami. Arikose;Abari kwiyanduza biba, bica, badendekeraniza abandi,basambana bakagunga biteguye gute ngo; ntirubagwe gitumo? Desire niyigendere kuko agiye urw’intwari;Abo bangana bariko bariyanduza. Tuzobonana Desre tuzobonana kuko turi mu nzira.
11 Ntwarante 2014, 18:57, par Tolllo
Nanje nyine ndifatanije mukababaro numuryango wabuze kumasengesho yanje nti: imana itway’ivyayo ni mububate maze imuhe icicaro ciza ruhuka mumahoro.
11 Ntwarante 2014, 23:18, par NDABEMEYE
IMANA IMWAKIRE MUBWAMI BWAYO GUPFA NICAGEZWE
12 Ntwarante 2014, 12:04
Je le cnnnaissais au SFCG depuis les années 2002, comme il meurt jeune ce bel jeune homme!!!!!!!!!!!!!!!!Mes condoléances à la famille éprouvée
12 Ntwarante 2014, 17:02, par Esperance
Imana imwakire mubwami bwayo,ntituzo mwibagira
13 Ntwarante 2014, 06:50, par Isaac
Twamukunda ariko Imana yamukunze kuturusha. Imana imwakire mubwami bwayo. Amen
14 Kigarama 2016, 20:56, par NDIKUMANA charles
Natwe turahojeje uwo muryango.bihangane kuko nivyanditswe kuko turavuka tukabaho,tukabaho tugapfa.
21 Ndamukiza 2017, 05:08, par sophonie
ntakundi kw’isi nik bigenda natwebwe dufadikanijwe umubabaro
30 Ndamukiza 2017, 21:33, par Leonadi
Nifuza Guhunguka Ariko Iwacu i Mumabanda Havugwa Amaki ?
7 Ntwarante 2018, 18:37, par Nsabimana amisi
None kovyashitse akitabimana uwo desire aba bakora kobamwemera ntibaca bamucurira umuryango yashize kugira bakure ko bari bakiri batoya abobana?kuko bamukunda nicogituma bomukundira numuryango yashize.murakoze.