IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Esdras Ndikuma yahawe agashimwe

Umumenyeshamakuru Esdras Ndikuma yahawe agashimwe

mardi 12 Nzero 2016

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Nzero 2016, umumenyeshamakuru w’umurundi Esdras Ndikumana yararonse agashimwe katanzwe n’ishirahamwe ryo kumenyeshamakuru mu bijanye n’imigenderanire.

Esdras Ndikumana yahawe ako gashimwe kubera ivyo yakoze mu kumenyeshamakuru ku bijanye n’indyane za politike ziri mu Burundi,akorera itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP n’iradiyo y’abafaransa RFI.

Yaba umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa Laurent Fabius canke umukuru w’ishirahamwe ryo kumenyesha amakuru mu bijanye n’imigenderanire bavuze ko Esdras Ndikumana yahawe ako gashimwe kubera ukwitanga mu mwuga wiwe wo kumenyesha amakuru.

Esdras Ndikumana yavuze ko ako gashimwe agasangiye n’abandi bamenyeshamakuru ba RFI na AFP kuko bamushigikiye mu bihe bigoye baciyemwo,kandi ko agasangiye n’abandi bamenyeshamakuru bo muri Afrika bakora akazi neza naho rimwe rimwe vyibagirwa.

Yavuze ko ako gashimwe kaje gutanga umuco ku bibera mu gihugu c’Uburundi ubu kiri mu bibazo vya politike,kandi ivyo bibazo bigateherezwa gutorerwa inyishu.

Umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana yasavye abategetsi b’Uburundi kugira ico bakoze kugira amabi ntabandanye gukorwa kandi amahoro agaruke,kandi akibaza kw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bubicishije ku bariserukira bazokora ibikenewe.

IGIHE

Messages

  • Komera mushingantahe kwi banga Ndikumana Esdras,Ongera sana Imana ikwongere imigisha mubukerebutsi bwawe, nabandi bamenyesha makuru bagitinya kuvugisha ukuri, bari bakwiye gufatira akarorero kuri benemwebwe ikirengeti kikabava kumaso bagakorera igihugu kuriko bakorere umugabwe, canke umutegetse kanaka. ndazerewe cane kubwagashimwe wahawe,nkanezerezwa kandi kubwijambo washikirije kugiye gusangira nabandi bagezibawe, musangiye urugamba rwokumenyesha Amakuru. uwo numutima werekana urukundo ufitiye abandi,Uburundi bwobonekanamwo mwabantu nkamirongitanu bameze nkawe igihugu cobahamaroro, Mukomere mukomere Murugamba mwishinze ntirworoshe ariko Imana izorushirizaho kubajimbere. murakoze.

  • nip dola mia mbili mama we we mungu amegukumbuka Mimi Niko ukimbizini(200)tuu OK

  • Turagukeje, muvukanyi Esdras. Komera ku muheto, utohoze kandi ushikirize inkuru zikura abantu mu mwijima w’agapfungu k’ibinyegejwe kakabashira mu muco.

  • Ni vyiza mugabo biranateye isoni, eka mbere biranababaje, guha 2.000 Euros gusa umushingantahe nk’uyu yahatswe gusiga ubuzima bwiwe harya mu Kamenge! Nkaho abamuyaye intica ntikize biyumvira yuko bakoze igikorwa gihambaye!! 2.000 ahakwa kungana na ticket y’indege ija iburaya yomumarira iki? Courage mugenzi bandanya ukore neza Imana yonyene ni yo izokwihembera!

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.