Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru w’umunyarwanda Besabesa yagirizwa gusuma urusaku
Umumenyeshamakuru w’umunyarwanda Besabesa yagirizwa gusuma urusaku
jeudi 11 Ruheshi 2015
Inyuma y’iminsi ibiri umumenyeshamakuru Besabesa Mivumbi Etienne akorera Radiyo Izuba n’ikinyamakuru Igihe.com afatiwe mu Burundi,yarashikanywe mw’ibohero rikuru rya Muyinga.Umushikirizamanza mukuru wa Republika mu ntara ya Muyinga amwagiriza icaha co gusuma urusaku.
Radio Izuba ikorera mu Ntara y’Iburasirazuba bw’Urwanda, kimwe mu binyamakuru Besabesa akorera, yamenyesheje ko yafashwe ari mu kazi kiwe gasanzwe ko kurondera amakuru,ku bijanye no guhanahana ibidandazwa hagati y’abanyarwanda n’abarundi (Commerce transfrontalier) hafi y’urubibe rw’Urwanda n’Uburundi.
Ku ruhande rw’Uburundi, Besabesa Mivumbi yafatiwe muri Komine Giteranyi, ihana urubibe n’uturere twa Ngoma na Kirehe two mu Rwanda, akaba yari yatumwe inkuru mu Gahara Akarere ka Kirehe.
Igihe Ernest Nduwimana,umushikirizamanza mukuru wa Republika mu ntara ya Muyinga yaganira n’umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abongereza BBC,yavuze ko Besabesa n’uwutwara ipikipiki bari kumwe bamaze gushikanwa mw’ibohero rikuru rya Muyinga.
Ernest Nduwimana avuga ko amatohoza yatanguye kugira bamenye nimba vy’ukuri yoba tyari yaje gusuma urusaku.Yavuze ko basanze afise ibikoresho vy’abamenyeshamakuru,harimwi igifata amajwi n’igifata amafoto.
Umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Muyinga Nduwimana avuga ko amategeko y’Uburundi abemerera gufata , kuburanisha no gupfunga umuntu wese akoreye icaha ku butaka bw’Uburundi, yaba umurundi canke umunyamahanga.
Besabesa Mivumbi Etienne yafatanywe,n’uwitwa Pacifique Fidélité, bikaba abitegekanijwe ko arenguka imbere y’ubutungane mu minsi itarenga 15.Besabesa agize umunyarwanda wa kane afatiwe muri Komine Giteranyi y’intara ya Muyinga,yagirizwa gusuma urusaku.
Messages
11 Ruheshi 2015, 20:35, par NAHABANDAHARI
MBEGA BATINYA ZANGURUBE KOZIFAWA NGO NIMBONERAKURE?NAKORE NTAMVURIDAHIT AZOVAYO NKASABA NAMWE KO MWORABA NKAKUMWE KWA BOBE NA RUVAKUKI KUKOYARIKUKAZI BANSE KWAYORA AHO BASESHAMARASO YABANABACU KWACNDI BAHAW UBUHUNGIRO NABO URWANDA NIRUBEHOCANE
11 Ruheshi 2015, 20:55, par NAHABANDAHURI PETER
MIVUMBI KOMUMERA URINTWARI PE WABONYA AYA ABA DD BAKORA NAMUTO NTAMUKURU NUKWICAGUFUNGA ABARUNDI ABANYAMAHANGA NDETSE BAKANABÃŽCA ABABIKIRA BISHWA BASHAJE PETER BAZE BAGUHUMIRE MIVUMBI KOMUMERA URINTWARI PE WABONYA AYA ABA DD BAKORA NAMUTO NTAMUKURU NUKWICAGUFUNGA ABARUNDI ABANYAMAHANGA NDETSE BAKANABÃŽCA ABABIKIRA BISHWA BASHAJE PETER BAZE BAGUHUMIRE NABAWE
11 Ruheshi 2015, 21:00, par 0783030070
uwalcott john
11 Ruheshi 2015, 21:00, par 0783030070
uwalcott john
11 Ruheshi 2015, 21:31, par Emmanuel.
NUKURI BIRATEYE AGAHINDA N’INTUNTU!!! MBEGA YEMWE BARAKENYEYE N’ABARI KUKAZI BAGAFITIYE UBURENGANZIRA NABO BAPFUNGWE?HA!! MURAKIRABA NEZA MW’ABAGABO MWE.!
11 Ruheshi 2015, 21:34, par NYABENDA JEAN
JEWE ICO NOBONA YOPFUMGWA UBUTAGARUKA
11 Ruheshi 2015, 21:38, par NDIHOKUBWAYO
JEWE ICO NOBONA YOPFUMGWA UBUTAGARUKA URAZI KUNTU BAKUBISE ABARUNDI BAGIYEYO
11 Ruheshi 2015, 22:11, par nduwayo
jew ukondambibona nakagayo kuza mugihugu atari iciwabo atruhusha afise
11 Ruheshi 2015, 22:27, par NGABONZIZA YUSUFU
nimubafashe murabe uko babayeho jendabazi bansanzeyo narabafashije kugira mumenye ivyabashikiye ubu naratashe nabasizeyo ubuzima bwomwibohero buragoye ntimubatererane kandi muzi ko bari kure yimiryango yabo babaho nabi
12 Ruheshi 2015, 08:22, par Ndihokubwayo jerèmie
NAHERE MUGASHO KUKO IVYO YAKOZE NTIBIBAH AHO YASUMYE URUSAKU
12 Ruheshi 2015, 13:08, par lil-k
nimumupfunge imyaka 40 Kuko arafise agasuzuguro nuwokugaya ntiyogusanga kubutanda.
12 Ruheshi 2015, 15:09, par Marcel
Ivyo bintu biteye isoni.Le journaliste est dans la communaute EAC et est Rwandais et ne doit pas avoir de visa pr rentrer sur le territoire burundais et faire son reportage...We procureur ba worosha ibintu....Ntakibi yagize ko aba afise micro na camera ni ibisanzwe..ntaco yaje kw espoinna ...Ibikorwa iyo i Giteranyi twese turabizi may be muri reportage yiwe yotanze ivyiyumviro vyotuma le commerce transfrontalier itera imbere igakora mumategeko...
So nyakubahwa mureke reka kumutako amashavu reka kumugira incungu yingorane zivuye ku nsaku ziri entre les 2 pays ...Insaku nimbi zitera akabonero
13 Ruheshi 2015, 17:18, par Vyukusenge
Kumenyesha amakuru birafise amategeko umuntu akurikiza. Abamenyeshamakuru ba hano iwacu bagiye mu bice bitandukanye vy igihugu babanza kwimenyekanisha aho bagiye gukorera, abaharongoye barashobora kubemerera gukoreraho nk’ uko bashobora kubankira. None umunyamahanga niwe yopfa Kuja gukora ata burenganzira yaronse??? Mbariza ko umurundi yopfa gushora umutwe mu Rwanda ngo agiye kirondera inkuru ata ruhusha afise!!!!!! Ariko niba urwo ruhusha yari yaruronse bakaba atacerekana ko yariko asuma urusaku aho arera nk ’urubura.
13 Ruheshi 2015, 19:15
HAHA.!! Burya harudutwenza uburundi babonye bwitaha nkumunyamahanga kwinjira atacemezo iyadafatwa kwaruguhomba kubarundi azocirumugani andi
13 Ruheshi 2015, 19:16
HAHA.!! Burya harudutwenza uburundi babonye bwitaha nkumunyamahanga kwinjira atacemezo iyadafatwa kwaruguhomba kubarundi azocirumugani andi
15 Ruheshi 2015, 19:36, par MAMA NJOY
NIFUNGE NICI YARI AGIYE GUHIGE
25 Nyakanga 2016, 10:33, par Sengiyumva Fulgence
Ivyonuvaninbiki Sidatahuye Singuriranenza.Ok?