IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umumenyeshamakuru wa Burundi Eco yakubiswe ahakwa kuvunwa ukuboko

Umumenyeshamakuru wa Burundi Eco yakubiswe ahakwa kuvunwa ukuboko

jeudi 30 Ndamukiza 2015

Umutekano ku bamenyeshamakuru bariko bakurikirana imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura ntiwifashe neza, aho babandanya gukubagurwa.

Parfai Mudasigana, umumenyeshamakuru wa Burundi Eco

Abamenyeshamakuru cumi nibo ikinyamakuru IGIHE.bi kimaze kumenya ko bakubaguwe n’abaporisi canke n’Imbonerakure, kuva imyiyerekano itanguye, iminsi itanu iraheze. Parfai Mudasigana, asanzwe akorera ikinyamakuru Burundi Eco, akaba yakubiswe ku mugoroba w’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 29 Ndamukiza, ahakwa kuvunwa ukuboko muri komine ya Bwiza, n’umuporisi, aho yari agiye kurondera amafoto y’ikiduga gisanzwe gitera amazi abanyagihugu bari mu myiyerekano, cari gihejeje kugwa mu Bwiza ku ry’umunani.

Parfait Mudasigana, avuga ko ahejeje kuhashika, yerekanye ibimuranga, haheze akanya, atanguye gufata amasanamu, akaba yaciye abona umwe mu bakuru mu giporisi bari ngaho, amusavye ko yohava, ivyo biheze yaciye amurungikira umuporisi ko yohamukura ku nguvu. Uwo muporisi yahawe iryo tegeko, akaba yamukuyeho, amukubita amasanamu yose yari yafashe kuva mu gatondo, baca barayahanagura.

Parfait Mudasigana, akaba ndetse yanatewe ubwoba, ko yokwicwa. Uwo muporisi yamukubise, abanje n’ukumutera ubwoba n’inkoho yari afise. Parfait Mudasigana, akaba aterwa amakenga, n’ingene muri iyi minsi abamenyeshamakuru babandanya guterwa ubwoba, bagahakwa n’ukugandagurwa, bagakubitwa kandi baba bari mu kazi kabo. Asaba abamenyeshamakuru kuba maso, kuko umutekano wabo ubangamiwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.