Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru wa ISANGANIRO yahora apfunzwe yarekuwe
Umumenyeshamakuru wa ISANGANIRO yahora apfunzwe yarekuwe
jeudi 12 Munyonyo 2015, par
Célestin-Blaise Ndihokubwayo, umumenyeshamakuru w’insamirizi ISANGANIRO yahora apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura yarekuwe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu.
Blaise Célestin NDIHOKUBWAYO yahagaritswe n’abasirikare mu ndwi iheze, hafi y’akabare n’uburiro bita NONOKA, muri komine Mugongomanga mu ntara ya Bujumbura benshi bita rural. Blaise Célestin NDIHOKUBWAYO n’uwariko aramwunguruza (Chauffeur) ntibaramenyeshwa imvo yatumye bahagarikwa.
Nk’igihe c’isaha cumi na zibiri zibiri z’umugoroba wo kuri uwu wa gatatu, niho uwo mumenyeshamakuru yarekurwa, naho nyene mw’igendereza bakaba batamenyesheje igituma yari yahagaritswe.
IGIHE
Messages
12 Munyonyo 2015, 08:50, par maso
imana ishimwe cane
12 Munyonyo 2015, 10:12, par eva
kirimanga
12 Munyonyo 2015, 19:15, par Just
Glory be to God.
12 Munyonyo 2015, 19:16, par Just
Glory be to God.
22 Munyonyo 2015, 20:02, par Jean Marie
None Umuntuarafatwa Akarekugwabatamenye,icobamufatiye?