Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umumenyeshamakuru yakorana na Al-Shabab yishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umumenyeshamakuru yakorana na Al-Shabab yishwe

Umumenyeshamakuru yakorana na Al-Shabab yishwe

lundi 11 Ndamukiza 2016, par egide

Reta ya Somaliya yishe Hassan Hanafi Haji yahoze ari umumenyeshamakuru yagirijwe ko yafashije abarwanyi b’umurwi al-Shabab mu kwica abamenyeshamakuru batanu ku murwa mukuru Mogadisho.

Abategetsi hamwe n’ivyabona bavuga ko Hassan Hanafi Haji yarashwe kuri uwu wa mbere mu kibanza kirimwo ishure ry’igipolisi, ku murwa mukuru, Mogadisho.
Haji yarungitswe n’igihugu ca Kenya mu mwaka w’2015, bisabwe na Reta ya Somaliya, nk’uko bivugwa na VOA.

Abdulahi Hussein Mohamed, icegera c’umucamanza wa sentare ya gisirikare ya Somaliya, yahaye ikiganiro abamenyeshamkuru inyuma y’uko Hassan Hanafi yishwe, akaba yavuze ko yaciriwe urubanza mu buryo bukurikije amategeko.

JPEG - 27.7 ko
Hassan Hanafi Haji

Abdulahi Haji yaserukira umurwi waal-Shabab imbere y’abajejwe itangazamakuru. Yararemera bagenzi biwe kugira batangaza amakuru bisunze amategeko agenga itangazamakuru ry’uwo murwi.

Ayo mategeko arimwo kudatangaza amakuru yerekeye ugutsindwa kwabo ku rugamba.

Hassan Hanafi Haji yari azwi ko atera ubwoba abamenyeshamakuru n’amaradiyo mu gihe batubahirijwe amategeko y’umurwi al-Shabab. Yarakoreye kandi iradiyo y’umurwi al-Shabab, izwi kw’izina rya Radio Andalus.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.