Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umumenyeshamakuru yatawe muri yompi muri Misiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umumenyeshamakuru yatawe muri yompi muri Misiri

Umumenyeshamakuru yatawe muri yompi muri Misiri

vendredi 28 Ruheshi 2013

Abategetsi bo mu gihugu ca Misiri bafunze imboneshakure imwe muzikorera muri ico gihugu bongera bata muri yompi umwe mu bayobora ibiganiro vyayo bamwagiriza guhamagarira abantu kutubaha amategeko y’igihugu.

Uwo mumenyeshamakuru, Tawfik Okasha, yahejeje ikiganiro yariko aragirisha ejo mw’ijoro, aca aronka amakuru ko umutahe umurondera wamaze gusohoka.

Abakora uwo mwuga wo kumenyesha amakuru mu gihugu ca Misiri baridogera Leta ko yivanga mu bikorwa vy’abamenyeshamakuru ikababuza ubwigenge bukwiye bahabwa n’amategeko.

N’aho biri uko, mu butegetsi bwa Misiri bo siko babibona. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi yamenyesheje ejo bundi kuwa gatatu ko agabisha abamenyeshamakuru ko badategerezwa kurenza urugero canke gukoresha nabi uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, abibutsa ko badafise uburenganzira bwo kuvuga ivyo bishakiye vyose.

JPEG - 23.6 ko
Mohamed Morsi, umukuru w’igihugu ca Misiri

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.