Accueil > Amakuru > Poritike > Umunsi mukuru w’abakozi wahimbajwe n’abakora mu bisata vya Reta
Umunsi mukuru w’abakozi wahimbajwe n’abakora mu bisata vya Reta
vendredi 1er Rusama 2015
Umunsi mukuru w’abakozi n’akazi wahimbarijwe ku kibuga c’ishuri ryisumbuye ryigisha imyuga mu Kamenge ETS Kamenge. Vyari vyatewe iteka n’umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma.
Ibirori vyatanguye nk’igihe c’isaha zitatu n’igice zo mu gatondo. Abakozi bakora mu bisata bitandukanye vya Reta ,mu bushikiranganji hamwe no mu mashirahamwe nibo vyaboneka ko bitavye ivyo birori.
Muri ico kibanza hibonekeje kandi ko umutekano wari ucungerewe ahanini n’igisirikare c’igihugu, kuva ku kiraro c’uruzi Ntahangwa rugabura Mutanga Nord na Mutanga Sud,gushika mbere ku kibuga cabereyeko ibirori.Icibonekeje nuko abantu atari benshi.
Abamenyeshamakuru bamwe bamwe bakorera ibinyamakuru vyigenga ntiboroherejwe mu kazi kabo, kuko abasirikare bari bacunze aho bategerezwa kwinjirira batabemereye naho nyene berekanye ibibaranga.
Mwomenya ko vyari vyitezwe ko ivyo birori bibera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ariko bikaba vyahavuye vyimurirwa ku kibuga ca ETS Kamenge,amakuru yo kwizerwa avuga ko ari ku mvo z’umutekano.
Umukuru w’igihugu yahimbarije umunsi mukuru mu ntara ya Karusi.
Van Naris Mugisha
Messages
1er Rusama 2015, 14:01, par KUBWIMANA
Mudushirireko ijambo rya nyenicubahiro Umukuru w’igihugu kuruyu wa 01.05.2015
1er Rusama 2015, 19:26, par Ndiwe
None Nyakubahwa Umukuru W’igihugu Ntimwodushirirako Ivyo Yavumererye Ikarusi?
1er Rusama 2015, 19:27, par Ndiwe
None Nyakubahwa Umukuru W’igihugu Ntimwodushirirako Ivyo Yavumererye Ikarusi?