Accueil > Imibano > Urukundo > Umunsi w’abakundana “Valentino Mweranda” wahimbajwe i Bujumbura
Umunsi w’abakundana “Valentino Mweranda” wahimbajwe i Bujumbura
jeudi 14 Ruhuhuma 2013
Nkuko bikorwa mu bindi bihugu vyo kw’isi yose,abarundi bahimbaje umusi mukuru w’abakundana bitirira Valentino Mweranda.
Isengero y’abakatorika yigisha urukundo atari urukundo ruhagaze guhuza ibitsina.
Ni muri iyo ntumbero, yatunganije indwi yahariwe uwo munsi,mukwereka abakirisu ingene bakwiye kuba mu rukundo nyakuri.
Ubutumwa bwatanzwe na Patiri Fupi Felix ajejwe ico gisata kuri Foyer ya Charite y’i Bujumbura.
Ubwo butumwa bwari bwerekeye imiyabaga aho bababuza kugira urukundo ruhagaze kuguhuza ibitsina gusa ngo ariko ko rwoba urukundo rw’ubugenzi kandi rufise n’intumbero nziza.
Kubafise abo bazokwubakana,babasavye kwihangana,kubamaze kwubaka nabo,kuba mu rukundo ruzokomeza umuryango.
Jean Michel Ndayikengurutse