Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunsi wa mbere n’uwa kabiri yatanzwe nk’iminsi y’akaruhuko
Umunsi wa mbere n’uwa kabiri yatanzwe nk’iminsi y’akaruhuko
vendredi 11 Gitugutu 2013
Umunsi wa mbere igenekerezo rya 14 Gitugutu n’igenekerezo rya 15 yatanzwe nk’iminsi y’akaruhuko ku bakozi ba Leta. Ku munsi wa mbere hazohimbazwa imyaka 52 umuganwa Rudoviko Rwagasore amaze yitavye Imana. Umunsi ukurikira nawo wa kabiri, azoba ari umunsi mukuru w’intama (Eid Hajj). Yompi ni iminsi y’akaruhuko ku bakozi ba Leta.
Yisunze itegeko nimero 100/182 ryo kuwa 17 Mukakaro 2006 rigenga iminsi y’akaruhuko, mu ngingo yaryo ya mbere n’iya kane, umushikiranganji w’abakozi n’akazi Annonciate Sendazirasa yamenyesheje ko ku munsi wa mbere no kuwa kabiri ari iminsi y’akaruhuko. Umunsi wo guhimbaza imyaka 52 iheze umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe washizwe ku munsi wa mbere igenekerezo rya 14 Gitugutu 2013 kuko umunsi w’igenekerezo rya 13 Gitugutu yandaguriweko wahuriranye ari umunsi w’Imana.
Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesheje uko ibirori vyo kwibuka Rudoviko Rwagasore, incungu y’ukwikukira kw’Uburundi bizogenda mu gihugu cose. Mu ntara zose zigize Uburundi, turetse Bujumbura yonyene, ivyo birori bizohimbarizwa ku mirwa mikuru ya komine. Ibirori bizotangurwa n’inkuka y’imisa, biheze bikurikirwe n’ugushira ingori z’amashurwe ahari icibutso ca Rwagasore, aho kitari bakazoshira ahari icibutso c’ubumwe bw’abarundi.
Mu gisagara ca Bujumbura, ibirori bizobera ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore, bitangurwe n’inkuka y’imisa izotangura isaha zitatu, ikurikirwe n’ugushira ingori z’amashurwe ku mva ya Rwagasore isaha zitandatu. Mu nyuma, nk’uko vyama bigenda, abazoba bitavye ivyo birori bazokurikirana ijambo ry’umuhisi Rudoviko Rwagasore.
Evariste Nsabiyumva, umuvugizi w’ubushiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje abarundi bose ko ata muntu n’umwe arekuriwe kwambara ikimenyetso kiranga umugambwe arimwo muri ivyo birori vyo kwibuka imyaka 52 iheze umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe. Yasavye kandi abarundi kuzobungabunga amahoro mu birori vyo guhimbaza uwo munsi.
Egide Nduwimana