Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umunsi "wirabura" muri Uganda
Umunsi "wirabura" muri Uganda
lundi 7 Nzero 2013
Abarwanya ibiturire muri Uganda bagize imyiyerekano bambaye impuzi zirabura, kuri uyu wa Mbere bise "uwirabura" kubera umubabaro batewe no kurya ibiturire muri ico gihugu.
Bakwiye amabarabara ya Kampala ku mugwa mukuru bitwaje ivyandiko bigizwe n’amabara yirabura. Bari bitwaje kandi amasanamu ariko amabara ameze nabi, abantu basa n’abashonje, bakavuga ko ivyo vyose ari ingaruka z’igiturire kirangwa mu bakozi ba Reta.
Abiyerekana barimwo kandi abantu bakomeye, nk’uwigeze kuba Musenyeri mukuru wa diyoseze ya Kampala, Musenyeri Isaac Niringiye.
Abagize amashirahamwe arwanya igiturire muri Uganda bateguye iyi myiyerekano, bavuze ko bazoza barambara impuzu zirabura buri wa mbere, bakanategura ibikorwa nk’ibi.
Ikibazo c’igiturire muri Uganda catanguye kuvugisha benshi kuva aho hasohokeye ivyegeranyo mu mwaka uheze, vyerekana inyuruzwa rikomeye ry’amahera avuye mu makori hamwe no mu mfashanyo.
Marie Claire Ingabire