IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuntu umwe yarapfuye mu masasu yumvikanye mu gisagara ca Bujumbura

Umuntu umwe yarapfuye mu masasu yumvikanye mu gisagara ca Bujumbura

mardi 21 Mukakaro 2015

Umunyagihugu yarapfuye ahitanywe n’amasasu yumvikanye mw’ijoro ryo kuwa mbere igenekerezo rya 20 Mukakaro 2015 muri Komine Nyakabiga y’igisagara ca Bujumbura.

Ayo masasu yuvugiye mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, kuva nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro mu bice vy’igisagara ca Bujumbura nka Musaga,Nyakabiga,Jabe,Bwiza,Ngagara,Cibitoki na Mutakura.

Amakuru ava muri Komine ya Ngagara, avuga ko abantu bataramenyekana barashe amasasu menshi ahari abapolisi,haca humvikana amasasu menshi n’ama grenade.

Amakuru ava mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi,amenyesha ko hari umunyeshure wo mu gisata c’ubuganga yoba yarakomerekejwe n’urusasu,ariko yaciye ajanwa ku bitaro vyitiriwe umwa Khaled biri mu Kamenge aho ariko aravurirwa.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.