Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuntu umwe yarishwe abandi babiri barakomeretswa n’imbogo
Umuntu umwe yarishwe abandi babiri barakomeretswa n’imbogo
mercredi 29 Rusama 2013
Mu mpera z’iyi ndwi iheze ,Mohamed Ferouzi aho yari i gitega ,umuyobozi mukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe gukingira ibidukikije (INCN ) yaramenyesheje ko imbogo yatorotse muri parc ya Ruvubu
Iyo mbogo yarishe umunyagihugu ku Mubuga yongera irakomeretsa abantu babiri aho bita Mungwa. Ingingo zikaba zaciye zifatwa n’ico kigo co gukingira ibidukikije kugira bagabishe abanyagihugu bo muri ako gace ko bokwigirwa kure cane y’ico gikoko.
Uyu munsi rero ku vyerekeye iyo mbogo, ibintu bikaba vyasubiye mu buryo. Ico kigo gitunga ibikoko (parc) ya Ruvubu ikaba ingana ihegitari ibihumbi 50.800 aho gica mu ntara 4 hamwe n’ama komine 4 yo mu burundi. Ico kigo rero kikaba ari kimwe mu burundi aho hakiboneka izo mbogo zitwa ‘’cobe defassa’’. Muri ico kibanza hakaba hariho n’inyoni, ingeregere, ingona, inzoka, imfyisi n’ibindi.
Floxella Karire