IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > "Umuntu wese asubije ibirwanisho akwiye kubitanga adatinya gukurikiranwa"

"Umuntu wese asubije ibirwanisho akwiye kubitanga adatinya gukurikiranwa"

mardi 3 Kigarama 2013

Mu gihe ibirwanisho bicira umuriro mu banyagihugu bitarahera gukurwayo n’inzego zibishinzwe, eka n’ababitanga ku bushake bwabo ugasanga hamwe hamwe bagikwega amaguru, abakenyezi barashimirwa ku kuntu benshi bitavye isekeza rya mbere ryo gukura ibirwanisho mu banyagihugu babitunze batabifitiye uruhusha, n’aho integuro yo guhimiriza abanyagihugu bobisubize itari yabitwararitse.

Muri ico gikorwa rero co gukura ibirwanisho bitobito mu banyagihugu, abakenyezi ntibakwiye kwigira ba sindabibazwa, nk’uko bimenyeshwa na Zenon Ndabaneze arongoye umurwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho mu babitunze batabifitiye uruhusha no kurwanya irwirirana ry’ibirwanisho bito bito (CNAPC). Avuga ko uruhara rw’abo ari ntangere muri iryo sekeza ryo gutuza irwirirana ry’ivyo birwanisho, ndetse ingendo nziza yabaranze ico gihe, ikaba ari nayo yatumye abagize uwo murwi babatera akamo, bongera babatera n’intege kugira bashire amanga mw’isekeza rigira kabiri, baterere umuganda wabo bimwe biboneka mu guhimiriza abo bubakanye, ndetse n’ababanyi boba bari barabuze umwanya wo kubisubiza canke abatari bwatahure canke ngo bizere mu mitima yabo akamaro k’uwo mugambi wo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu.

Ndabaneze akaba abandanya amenyesha ko, kugira iryo sekeza rigira kabiri ritunganywe neza, habanje gushingwa ikiringo co gutegura neza amategeko na cane cane irigenga ibirwanisho ryahinyanyuwe. Ikiringo c’amezi atatu co kuva kw’igenekerezo rya 6 Munyonyo 2013 cashizweho mu ntumbero y’uko, umuntu wese agitunze ibirwanisho, afise uburenganzira bwo gutumako uwo murwi akabiwusubiza adatinya gufatwa no gukurikiranwa. Ikindi kiringo naco co guhera kw’igenekerezo rya 10 Kigarama 2013, abagize uwo mugwi bazoba bari mu bibanza bitandukanye mu gihugu cose barindiriye abanyagihugu basubiza ivyo birwanisho.

Komiseri w’igiporosi Ndabaneze arongera akamenyesha kandi ko iryo sekeza rigira kabiri rihambaye cane, kuko harimwo ihangiro ryo guhimiriza abanyagihugu bo mu bisata bitandukanye ata na kimwe gisigaye inyuma, ni ukuvuga abanyamigambwe, abarongoye amashengero n’amadini atandukanye, amashirahamwe, abamenyeshamakuru n’abandi. 

Ivyo bikaba vyerekana rero ko, ari igikorwa giteguwe neza, maze ubutumwa bukazoshikira abantu bose baba mu Burundi, bakongera bakanajijuka.Yaribukije ko isekeza rya mbere ryari ryatunganijwe kuva kw’igenekerezo rya 19 gushika ku rya 28 Gitugutu 2009, igitigiri c’ibirwanisho vyavuye mu banyagihugu kikaba cari kinini bihagije, mbere n’ubukozi bw’ikibi hakoreshejwe ibirwanisho bicira umuriro bukaba bwaragabanutse gushika ku bice 38 kw’ijana mu gihugu cose.


Aristide NIZIGIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.