Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuntu yaheruka kubura ubuhungiro mu Budagi yiturikirijeko igisasu
Umuntu yaheruka kubura ubuhungiro mu Budagi yiturikirijeko igisasu
lundi 25 Mukakaro 2016, par
Mu bumanuko bw’Ubudagi, abategetsi bavuga ko umwiyahuze yiturikirijeko igisase mu kabare, gikomeretsa abantu 12, batatu muribo bakaba babaye cane.
Bivugwa ko uwo muntu yamuka muri Syria, yari yabuze ubuhungiro mu Budagi mu mwaka uheze.
BBC ivuga ko ico gisasu caturikijwe mu gisagara ca Ansbach, iruhande y’aho batambira umuziki hazwi cane muri ako karere. Abantu barenga 2000 bavanywe muri ico kibanza.
Umuhari wa Islamic State yerekanye kuri Video uwakoze ico gitero mu Budagi, bimwe mu bibanza navyo vy’aho i Ansbach bikaba bikikujwe n’abajejwe umutekano. Ni igitero kigira gatatu kibaye i Bavaria, mu kiringo c’indwi imwe.
Ku musi wa gatanu, abantu icenda baritavye Imana mu gitero c’inkoho mu gisagara ca Munich, no mu minsi mike iheze, umusore yitwaje inkota n’ishoka yaragize igitero mw’igari ya moshi.
IGIHE
Messages
25 Mukakaro 2016, 15:16, par Kanyosha
None mwomva batazi ubwenge abadage? Wowe wobonako umuntu ahekereye ibisasu ukamuha ubuhungiro?
Ikibabaje nuko iyobigeze ngaha Burundi umwihevyinkuwo bacabavuga ngotuganire!
26 Mukakaro 2016, 03:28, par nzovu
Nihatari nibahe ikiraka police yu uburundi ibafashe gucungera umutekano
26 Mukakaro 2016, 20:09, par Felix Nduwayo
Ningorane Kweri! Ibintu Nkivyo Birababaje Gusa Gikuru N’ugusenga
27 Mukakaro 2016, 03:18, par Morodikayi Jon
Kanyosha wewe urumukeha bwange, ngaha iwacu ntabihevyi canke abiyahuzi bariho, umusi bobaho usanga wasovye mwisuruware.Abo wi tiranya nabihevyi Ejo kubwijukuri uzobakomera amashi ubasaba ivyo bogufasha,muribo ntaho muhuriye nagatoya, nabo wita kwarabatware bawe ntanaho bahuriye nagatoya.