Accueil > Amagara y’abantu > Umunyeshure wo muri ETS Kamenge yemeza kuba yahawe ishano azira ivyiyumviro (...)
Umunyeshure wo muri ETS Kamenge yemeza kuba yahawe ishano azira ivyiyumviro vya poritike
lundi 9 Kigarama 2013
Marc Ndereyimana, umunyeshure wo kw’ishure ry’imyuga rya ETS Kamenge avuga ko yahawe ishano n’akarwi k’abanyeshure biga aho kuri ETS, bamuhora ivyiyumviro vya poritike.
Aho arwariye mu cumba ca 407, Marc Ndereyimana arashobora kumenya uwinjiye, ariko aguma aryamye. Avuga ko yagiye gufungura mu buriro bw’ishure nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, agire ngo aratamiye kabiri, araheza arumva ko izo mfungurwa zitameze neza, haciye akanya yumva amerewe nabi, ari nakwo guca yihutira kuja kwa muganga.
Marc Ndereyimana aremeza ko yahawe ishano n’akarwi k’abanyeshure bamuziza ko ari mu mugambwe MSD. Avuga ko yari amaze kuronswa ubutumwa bumugabisha kenshi, ndetse n’uwo bahora basangira bakaba bari baramugabishije ko ashobora kuzorwa mu mporero.
Umuyobozi w’ishure rya ETS Kamenge Desire Manigirakamaro, avuga ko amatohoza ariko araba kugira barabe ko ivyo uyo munyeshure avuga vyoba bifise ishingiro, ariko akagabisha uwohirahira akambika ibara abandi. Avuga kandi ko akirindiriye ibipimo vyo kwa muganga, kugira vy’ukuri barabe ko yahawe ishano, canke ko itoba ari imvo yo kugumura abandi banyeshure yitwaje ivy’imigambwe.
Mu bitaro Roi Khared aho arwariye abaganga ntaco bashima kuvuga ku bijanye n’ivy’uyo munyeshure, ariko hakaba hari abemeza ko uyo munyeshure ariko ahabwa imiti y’abahawe uburozi.
Aristide Nizigire