Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Concilia Nibigira niwe aramutswa umugambwe UPRONA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Concilia Nibigira niwe aramutswa umugambwe UPRONA

Concilia Nibigira niwe aramutswa umugambwe UPRONA

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Inyuma yaho umupfasoni Concilia Nibigira yandikiye ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati amumenyesha ko ariwe mukuru w’umugambwe kuva Niyoyankana yanse kuwutwara, kuko mu mwaka w’2009 ariwe yari icegera c’umukuru w’umugambwe, Edouard Nduwimana yawumukomoreye.

Mw’ikete uyo mushikiranganji yaraye yandikiye Concilia Nibigira, yaremeje ko ariwe mukuru w’umugambwe UPRONA. Ivyo rero bikaba bije vyunyura mu gihe mu mugambwe UPRONA wiyunze ubicishije kuri Varisito Ngayimpenda n’umushingamateka Karori Nditije, bavuga ko bariko bategura ikoraniro kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 16 Ruhuhuma uyu mwaka, kugira bashireho inzego, mu gihe izama ziriko ziragenwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu uko bukeye uko bwije,boheba bakaziruhuka.

Abari batambiye ku Mugumya kuri uyu wa 8 Ruhuhuma bigina isubirana ry’ingoro yabo, kuva aho abaporisi bari bayicungiye basubiriye mu makambi, ndetse n’amabarabara akikuje uyo mugumya akagururwa, eka n’ubu nibabe baritegura gusubira gusohoka iyo ngoro, narirya abo bahatambiye batemera uyo mupfasoni yaraye agenywe kurongora umugambwe w’umuganwa Rwagasore


Aristide Nizigire

Messages

  • Uwo mushikiranganji nikwezi yamabi yose mumigambwe none ubu arasubira kuvuga ko atariwe atuma imigambwe isambuka??

  • Mbega uyowe aje avahe? ahabwa umugambwe na Nduwimana? Ahubwo nayihereze abo ahaka! ariko inkoni ikubise mukeba heraheza!

  • UPRONA ivyayo vyanse pee!!!

  • hahahahahahahahaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaahahahahahahahhahahahahahahhahahahahhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhahahahahahhahahahahahahhahaha

  • Ejo niho nabajije uwoba azi niveau d’étude ya Petero ariko sinabonye uwonsubiza ariko nabibajije mbizi kuko biribonekeje. ntazi iyo biva naho bija. Petero weeee ugiye guheza nka NEBUKADINEZA wo muri bible, canke SAWULI hahaha canke KHADAFFI,SADAM,OUSAMA BEN LADEN,HABYARIMANA JUVENAL na IDI AMIN DADA

  • Hahahahahahahahaah inkinamico yu burundi nihatari ewe peter urihaye amenyo yabatwenzi akataretse kabagasema nimukomerezaho.

  • akaba kagire kabe, voilàle déclanchement de la guerre ouverte au Burundi entre CNDD FDD e UPRONA. Ikiboneka nuko Cndd izotsindwa ubugira kenshi

  • Mureme igihe co kuvyara kirageze. Abarundi tugiye kuruhuka imiruho twagize igihe kitari gito. Imbanyi ntiyoroshe ariko iyo ibise bishitse iba igiye kwibarukwa. Mureme rero!!!!

  • Amajambo yo murayaroka ahubwo fate imigano kuko inkoho zo ntazo mwoshobora uwo mushikiranganji mu mwivune siko ga mwa baporona?igihugu mwatwaye kuva ku bami mukagikenesha bigeze aha muracanyotewe ubutware?POLENI SANA bwabundi umuphu ntiyinukira

  • @gasutwa, ceceka wewe ntuzi iyo biva niyo bija, abatutsi sibo bakenesheje uburundi. igikenesheje uburundi ni majorité y’abahutu b’ibijuju babuza uburundi guterimbere nk’ayandi makungu. iyaba abatutsi baribo benshi woravye ingene tumera nka kowait canke suisse canke israel

  • None uyo mudamu,niwe yandika akishikiriza umushikiranganji wintwaro yo hagati,kandi perezida wigihugu yahaye ikiringo ciminsi ndwi ,comite nkuru y,umugambwe Uprona,none kugirango Uyo mugore abe ariwe yishikiriza ubutegetsi inzego z, Umugambwe yari yazisize hehe,ko aro zo zari zamenyeshejwe,Ivyu burundi namayobera kabisa.

  • gerageza mwisubireko mwese abari kubutegetsi ubwaribwo bwose soma ingene salomo vyagenze

  • Mbega bane ba mama Tuzokira ryari?Iki kiza turiko turabona ubwo ntaho bihuriye naya manyanga ari muri iki gihugu?Aha ntimubona ko Imana idasinziriye?Rwagasore we yubaha imana agiye kuza gutabara ntiyobireka uko.Ni nde agiye kwitanga ngo atabare ubu Burundi?

  • Urukino uprona iriko irakina ruteye amakenga.Uwobishinga yohagwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.